Ahavuye isanamu, GETTY IMAGES
- Umwanditsi, Armand Mouko Boudombo
- Igikorwa, BBC Afrique
Ubuseruko bwa Congo ni akarere karimwo ubutunzi kama bwinshi cane. Ariko kamaze imyaka hafi 30 kari mu ndyane n’intambara. Ivyo reta imaze kugerageza vyose ntaco biratanga kugira amahoro n’umutekano bigaruke.
Ku bw’ishami rya ONU riraba abimukira (OIM), muri ico gice ca Congo harangwa abantu baharurwa mu miriyoni hafi indwi (6.900.000) bateshejwe izabo bagahunga muri iyi myaka iheze. Aho iryo shami riheruka guharura hari ku wa 30 Gitugutu (10).
Kuva ico gihe gushika mu mpera za Munyonyo (11), abandi bantu 4.500 barataye izabo barahunga, nk’uko bivugwa n’ishami rya ONU riraba impunzi, HCR, hamwe n’ishami rya ONU riraba abana, Unicef.
Ayo mashami kandi yatoye ko muri ico gihe nyene ihonyangwa ry’ageteka ka zina muntu harimwo gusambanya ku nguvu no kwica abantu mu buryo ndengerabutungane ryabaye incuro 3.000.
Abanyagihugu ntibagira ayo bacira n’ayo bamira. Sandra aba mu karere ka Beni. Avuga ati: « Ntawokwihanganira kubaho gutya, ariko nta kundi turi bugire turamenyera. »
Ku mvo z’umutekano wiwe, uwo mugore akiri muto ategerezwa kuba yama azi amakuru y’ibiriko biraba. « Iyo hari igitero, ngerageza kumenya aho cabereye. Iyo ari ahantu nsanzwe ngendera, ico gihe nca nguma i muhira », nk’uko avuga.
Pascal, amaze imyaka akorera muri iyo ntara, yama yahuye n’ingaruka z’intambara imaze imyaka iba hagati y’ingabo za reta n’imigwi yitwaje ibigwanisho.
Ati: « Hari abanje batemagujwe imipanga. Vyarampahamuye », nk’uko yabibwiye BBC Afrique. Ubu umuryango yarawutandukanije kugira awuronderere umutekano.
« Birangora cane kubaho gutyo. Uretse ivyo, iyo ntambara yaraduhungabanije mu butunzi, twari dusanzwe tubeshejweho n’uburimyi. Ariko ubu ntitugishobora kuja mu mirima yacu. »
Eduige, we asa n’uwamaze kumenyera ubuzima bwo kwamana intekera ku mutwe (kwama ariko arimuka, agenda agaruka). Ati: « I muhira iwacu ni i Oicha. Ariko twama twahunze igihe cose hari igitero kibaye mu karere. Dutegerezwa guca turondera iyo duhungira hatekanye gusumba, » nk’uko avuga.
Oicha ni umujyi muto uri mu ntara ya Kivu ya Ruguru utambutse umujyi wa Beni ku ibarabara rikuru rigana mu mujyi wa Bunia mu majyaruguru mu ntara ya Ituri.
Ahavuye isanamu, Getty Images
Abasirikare bari kw’irondo muri pari ya Virunga
Ivyo reta yagerageje ngo igarukane amahoro
Muri iyo myaka yose y’uruhagarara n’intambara, hari ivyo reta ya Congo yagerageje ngo igarukane amahoro. Ariko ntaco irashikako.
Mu vyo yagerageje, igikomeye muri iyi myaka itanu iheze yabaye ingingo yo gushinga amategeko y’ibihe vy’intambara mu ntara za Kivu ya Ruguru na Ituri.
Ayo mategeko yatanguye kuja mu ngiro mu kwa Rusama (5) 2021 ku ngingo-tegeko rya perezida Felix Tshisekedi. Iyo ngingo yari ifise intumbero yo kugarukana amahoro muri ako karere gahana urubibe na Uganda n’Urwanda.
Abategetsi basanzwe ba reta basubirijwe abasirikare. Ariko inyuma y’imyaka ibiri n’ubu haracarangwa umutekano muke. Imigwi yitwaje ibigwanisho n’ubu iracatera abanyagihugu n’abasirikare mu ntureka zigwamwo benshi zigatuma abandi bata ingo zabo.
Reta yarahamagariye kandi abakiri bato gushwabaduka kugira bagwanye ico reta yise abansi bafashe ibigwanisho vyo gutera igihugu.
Mu mpera z’ukwezi kwa Munyonyo (11), perezida Tshisekedi yarasubiye kwagiriza Urwanda « ingendo yo kurondera kwiyagurira igihugu rurondera gushikira ubutare bwacu », ibirego reta y’Urwanda idahengeshanya guhakana.
Uwo mutegetsi yaciye asaba ko borengera « ibidutandukanya muri poritike kugira turwanire igihugu cacu. »
Ako kamo, nk’uko bivugwa n’umunyamakuru wacu i Goma, niko kakanguye aba « Wazalendo » bazwi muri ako karere « nk’urwaruka rw’inkundagihugu rwiteguriye gufasha urugamba ingabo za reta. »
Abo mu runani rwa poritike rw’umukuru w’igihugu bavuze ko abo banyagihugu bafise ibigwanisho ari nk’ingabo z’integabizoza ariko nta vyinshi bavuze ku nshingano zabo n’amategeko abagenga mu bikorwa vyabo.
Abategetsi baratanguje kandi inyigisho zo gukundisha igihugu ku rwego rwa kaminuza hamwe no guha imyimenyerezo abanyeshure bakiri bato. Izo nyigisho zirabandanya, zikaba zigamije kwubaka ingabo z’integabizoza z’igisirikare ca Congo.
Hariho n’umugambi wo kwaka ibigwanisho no gusubiza mu buzima busanzwe abahora mu migwi igwana.
Uwo mugambi ushigikiwe n’amashirahamwe mpuzamakungu atanfukanye ariko nawo nyene nta ntambwe ifadika urashikako.
Ku ruhande rw’intara ya Beni, haciye igihe ingabo za reta ya Congo (FARDC) zarafatanije n’iza Uganda mu kurwanya umugwi w’intagondwa za ADF mu mugambi uzwi nka Shujaa.
ADF ni umugwi witwaje ibigwanisho wamuka muri Uganda ariko ubu ushingiye mu ntara ya Beni kuva mu myaka ya 1990. Ubu wiyemeje kwisunga intagondwa zigwana ziyitirira idini rya Islam ziyita Etat Islamique/Islam State. Wama wagavye ibitero ku banyagihugu basanzwe ukoresheje ibigwanisho bicira umuriro n’ibindi nk’imipanga.
Ivyo bikorwa vy’ubufatanye hagati y’ingabo za Congo n’iza Uganda vyarashoboye kwigiza ADF kure y’uturere tubamwo abantu benshi. Vyarashoboye kandi kugabanya ubushobozi bw’uwo mugwi, ariko n’ubu ADF iracagaba ibitero ku banyagihugu basanzwe.
Ku rwego rw’imigenderanire, harabaye iciswe imigambi ya Luanda na Nairobi kugira ibihugu vy’akarere bifashe Congo kugarukana amahoro.
Mu mugambi wa Nairobi harabaye ibiganiro incuro zibiri hagati y’abategetsi ba Congo n’imyigwi yitwaje ibigwanisho. Ariko reta ya Congo yaranse ko umugwi M23 utumirwa muri ivyo biganiro.
Ivyo bikorwa ku rwego rw’imigenderanire nivyo vyavuyemwo icemezo co kurungika muri Congo ingabo z’ishirahamwe ry’ibihugu vya Afika y’Ubuseruko EAC kugira zije gufasha kugarukana amahoro.
Muri Kigarama (12) mu 2022, izo ngabo – zivuye mu Burundi, Kenya, South Sudan na Uganda – niho zarungikwa mu ntara ya Kivu ya Ruguru mu kiringo c’umwaka.
Ico kiringo carangiye itariki umunani z’uku kwezi kwa Kigarama. Abakuru b’ibihugu vya EAC mu nama yabo yo ku wa 24 Munyonyo (11) bafashe ingingo yo kutongera ikiringo izo ngabo bisabwe na reta ya Congo yari yazineguye ko ata kinini zafashije mu kurwanya umugwi M23.
Aho izo ngabo zivuye, umugwi M23 watangaje ko uzoca usubira kuhafata.
Ahavuye isanamu, Getty Images
Abanyagihugu b’i Bambo muri Ruthsuru bariko barahunga inyuma y’igitero ca M23
Intambara irakomeza
Gushika ubu ibimaze kugeragezwa vyose nta kirashobora guhagarika intambara. Kugeza ubu haharurwa abarenga miriyoni hafi 7 bateshejwe izabo, benshi muri abo bakaba ari abo mu ntara z’ubuseruko bw’igihugu zashizwe mu mategeko y’ibihe vyo mu ntambara [État de siège].
Hamwe umugwi M23 woshira mu ngiro ivyo wavuze ko uzoca ufata uturere tuvuyemwo ingabo za EAC, vyibazwa ko hazoca haduka intureka nshasha.
M23 yari yatsinzwe mu 2013 yasubiye kuvyura umutwe mu 2021.
Impamvu ivyo vyose ataco birashikako.
Mu buseruko bwa Congo, amashirahamwe adaharanira inyungu za politike, yama yagize imyiyerekano asaba ko hoboneka umutekano ukwiye mu karere kose.
Ku bwa Ricardo Rupandé, umukuru mpuzabikorwa w’amashirahamwe adaharanira inyungu za poritike mu karere ka Rwenzori, imvo zituma bigorana kugarukana amahoro mu turere turimwo intambara ntizinyegeje.
Agira ati: « Ingabo za Congo ntizigishijwe neza ibikorwa zijejwe kandi hari itunganywa nabi ry’ingene urugamba rugwanwa », akabandanya avuga ko « ata gukorana gushemeye » kuri hagati y’ingabo n’abanyagihugu bo muri utwo turere.
Ku bw’uwo wo mu mashirahamwe adaharanira inyungu za poritike, ivyo nivyo bisigura ishingwa ry’imigwi yitwaje ibigwanisho muri ako karere. Abakiri bato benshi bumva ko basa n’abatereranywe n’igisirikare. Bavuga bati: « ni igiki twokora kugira twikingire ibitero vya ADF? Kuko iratugeramiye cane. »
Ahavuye isanamu, Getty Images
Abasirikare ba FARDC bari mu marondo
« Amahoro ntazogaruka imbere y’amatora »
Niko bibonwa kandi na Onesphore Sematumba, yihweza ibintu n’ibindi vyo mu karere k’ibiyaga binini mu kigo mpuzamakungu ku bibazo vyo gukinga amatati, International Crisis Group. Ku bwiwe, abategetsi baritiranya uburyo bwo gutorera inyishu « ivyo bibazo vya kera biguma bigenda vyongera bigaruka. »
Sematumba aranegura inzira ya gisirikare reta ya Congo yafashe. « Kubera ari umugwi w’abafashe ibigwanisho, kenshi bashaka gusubiza hakoreshejwe ibigwanisho », nk’uko avuga.
Ariko uwo muhinga abandanya avuga ati: « Felix Tshisekedi ubwiwe ntiyatevye kubona ko igisirikare kitari kubishobora. Niko guhamagaza ingabo za EAC. Ariko buke buke izo ngabo zahindutse izo kuja hagati y’abariko baragwana mu gushiraho ibimeze nk’ibibanza hagati y’abagwana mu gihe bisa n’uko ata n’umwe yabishaka. »
Uwo muhinga yibaza kandi ko amatora ariko araba atevya utwigoro two kuronderera inyishu ikibazo c’intambara.
« Turi mu gihe c’amatora kandi perezida Tshisekedi ariko ararondera ikiringo ca kabiri. Arazi ko Abanye-Congo benshi baterekwa ivyo guhesha ku vyerekeye M23 n’Urwanda rwagirizwa kuba rushigikiye uwo mugwi witwaje ibigwanisho, n’ubwo rwo rwama ruriko rurabihakana. »
Uko guterana amajambo gutuma impande zompi zidadaza aho zihagaze, bigatuma igikorwa co kuzihuza kigorana.
« Ku ruhande rwa M23 bafise ururimi rwo kugera ingere ku yindi mu kuvuga ko niba ari intambara ashaka bazoyimuha. Ku ruhande rw’Urwanda bavuga bati: ‘Ni badutera, twiteguriye kubasubiza. »
Gusa Onesphore Sematumba agira inama bose kwizera. « Hari n’aho hamwe imitwe ishushe kubera amatora yohora hanyuma perezida azotorwa, yaba Tshisekedi canke uwundi, igitutu c’abamushigikiye kizoba cagabanutse hanyuma kumbure agahoyahoya iyo mvugo. »
Crédit: Lien source


Les commentaires sont fermés.