RD Congo: Zimwe mu mpamvu zibuza ko amahoro agaruka mu buseruko bw’ico gihugu?

Ahavuye isanamu, GETTY IMAGES

  • Umwanditsi, Armand Mouko Boudombo
  • Igikorwa, BBC Afrique

Ubuseruko bwa Congo ni akarere karimwo ubutunzi kama bwinshi cane. Ariko kamaze imyaka hafi 30 kari mu ndyane n’intambara. Ivyo reta imaze kugerageza vyose ntaco biratanga kugira amahoro n’umutekano bigaruke.

Ku bw’ishami rya ONU riraba abimukira (OIM), muri ico gice ca Congo harangwa abantu baharurwa mu miriyoni hafi indwi (6.900.000) bateshejwe izabo bagahunga muri iyi myaka iheze. Aho iryo shami riheruka guharura hari ku wa 30 Gitugutu (10).

Kuva ico gihe gushika mu mpera za Munyonyo (11), abandi bantu 4.500 barataye izabo barahunga, nk’uko bivugwa n’ishami rya ONU riraba impunzi, HCR, hamwe n’ishami rya ONU riraba abana, Unicef.

Ayo mashami kandi yatoye ko muri ico gihe nyene ihonyangwa ry’ageteka ka zina muntu harimwo gusambanya ku nguvu no kwica abantu mu buryo ndengerabutungane ryabaye incuro 3.000.

Crédit: Lien source

Les commentaires sont fermés.