Ahavuye isanamu, CENI/RDC
Patricia Nseya wo mu mugwi ujejwe amatora muri RD Congo
Muri Repuburika ya Demokrasi ya Congo haraye harangiye ikiringo c’ukwezi co kwiyamamariza amatora azoba kuri uyu wa gatatu.
Gushika mu minsi ya nyuma ari mu kuba, hagumye amakenga ko ashobora gusiba kubera umugwi uyatuganya, CENI, wari uhanzwe n’ibibazo vyinshi vy’uburyo na cane cane bw’indege zo gushikana ibikiresho vy’amatora mu ntara zose z’ico gihugu kinini -RD Congo iruta ubunini Tanzania, Kenya, Uganda, Urwanda n’Uburundi vyose ubiteranije.
« Bashingantahe, bapfosoni bamenyeshamakuru, genda mubwire abari bacijijanya imtima ko amatora azoba kuri uyu wa gatatu itariki 20 za Kigarama (12) 2023, » niko umuvugizi wa CENI, Patricia Nseya yavuze mu kiganiro n’abamenyeshamakuru ku wa mbere.
Yongera ati: « Ndabisubiyemwo ngaha kandi ubu nyene. Kuri uyu wa gatatu tuzogira amatora ane mu ntara 26: amatora y’umukuru w’igihugu, ay’abashingamateka ku rwego rw’igihugu n’urw’intara hamwe n’amatora y’abajenama b’ama komine. »
Madame Nseya yemeje ko ibikoresho vyose bizoba biri ahazoba amatora hose. N’i Kisangani hibwe impapuro z’amatora zishika 8.000 n’amabeteri 120 hararungitsweyo ibindi, nk’uko yavyemeje.
Igikorwa co gukwiragiza ibikoreshesho mu gihugu cafashijwe n’ingabo za ONU muri Congo, MONUSCO. CENI yararonse kandi agacumu k’ubumwe ka Misiri (Egypt) yayirungikiye indege za Antonov zo gutwara ibikoresho.
Harabaye kandi n’ikibazo c’amakarata y’itora yafutitse kubera ubuhinga bubi bw’ingene yasohowe n’imashini. Abo vyashikiye – CENI igereranya ko ari ibihumbi 50.000 – baragiye kurondera ayandi. Ariko n’uwutayironse canke igatakara umugwi ujejwe amatora wavuze ko uzomureka agatora.
Umukuru wawo, Denis Kadima yavuze ko « amategeko avuga ko umuntu yemererwa gutora iyo izina ryiwe riri ku rutonde rw’abiyandikishije gutora. » Avuga ko hazoba hariho uburyo bwo guhinyuza uwo ari we n’aho atoba afise iyo karata.
Ahavuye isanamu, BBC Gahuzamiryango
Ivyapa vyuzuye hantu nka hose ku mabarabara
Agacerere k’amatora
Ikiringo co kwiyamamariza amatora carangiye isaha zitandatu z’ijoro. Gikurikirwa n’amasaha 24 aho ata kintu na kimwe kijanye no kwiyamamaza gisubira gukorwa.
CENI yategetse ko muri ico kiringo ata kintu na kimwe kiranga abitoza coba kikiri ku metero ziri munsi y’ijana uvuye ku biro vy’itora ivyo arivyo vyose.
Ni igikorwa kitari gito. Igisagara ca Kinshasa cari cuzuye impapuro z’amasanamu n’ivyapa vy’abiyamamaza kiboneka ko vyatwaye amatoni n’amatoni y’impapuro.
Ahavuye isanamu, BBC Gahuzamiryango
Nko mu bindi bisagara bitari bike muri Afrika, amapipipiki arakoreshwa cane mu gihe co kwiyamamaza. Usanga yicayeko abantu kenshi barenga umwe batwaye amabendera n’ivyapa mu bikorwa vyo kwiyamamaza ahanini bikorwa n’abakiri bato.
Biteze vyinshi ku bagiye gutorwa bizeye ko bazohindura iki gihugu cuzuye ubtunzi kama buharurwa mu bwa mbere bwinshi kw’isi ariko naco kigaharurwa mu vya mbere bikenye kw’isi.
Musombwa Masamba Bertin amaze imyaka myinshi avunja amafaranga kw’ibarabara i Kinshasa, yabariye BBC Gahuzamiryango ati:
« Ibikorwa ni vyinshi, ni vyinshi. Ica mbere ashaka [uwuzotsindira gutwara igihugu] gushira ibintu ku murongo yohera ku mategeko. Hanyuma umutekano. Ibindi vyose bizoheza bikurikire mu gihe poritike yoba imeze neza umutekano ukamera neza. »
Amisi Pasake nawe anyonga itagisi y’ipikipiki. Uwo musore ava i Kindu avuga ko hari ibarabara imodoka imaramwo iminsi ibiri aho itorengeje amasaha makeya kubera ububi bw’amabarabara.
Ati: « Ni bubake ibitegerezwa kwubakwa. Nk’ibarabara rya Kindu-Kasongo, uhagenda iminsi ibiri kandi ari ibirometero 240 gusa. Nk’aha Melembo [aho akorera na moto] ni ibinogo gusa. »
Pasake aridoga kandi ko « twama turiko turapfungwa buri igihe, muri make twama turiko turakandamizwa. »
Amatora mu gihugu kirimwo intambara
Kimwe mu bibazo bikomeye vyaranze cane ukwiyamariza amatora ni intambara imaze imyaka myinsi irangwa mu buseruko bwa Congo.
Izotuma mbere uturere twa Masisi na Rutshuru tw’Intara ya Kivu ya Ruguru tutabamwo amatora.
Umukuru w’igihugu yahahora Felix Tshisekedi arondera ikiringo ca kabiri c’imyaka itanu, mubo bahiganwa abakomeye cane ni batatu.
Moïse Katumbi yahora atwara intara ya Katanga, Martin Fayulu yahiganywe na Tshisekedi mu 2018 na Denis Mukwege, umuganga yatsindiye agashimwe k’amahoro kiritiwe Nobel mu 2018 kubera ibikorwa vyiwe vyo kuvura abagore bakorewe amahano ashingiye ku gitsina mu buseruko bwa Congo bumaze imyaka hafi 30 mu ntambara n’izindi ndyane.
Tshisekedi yarangirije kwiyamaza ku murwa mukuru Kinshasa muri komine ya N’Jili aho uwo bahiganwa Martin Fayulu yari yarangirije ku wa gatandatu.
Muganga Denis Mukwege we kuri uwo munsi wa nyuna yashimye gushikiriza ijambo igihugu abicishije kuri radiyo imwe zo mu gihugu.
Moïse Katumba nawe – ari mu ntara yahora atwara ya Katanga – yarungitse ubutumwa bwa video mu ntara atashoboye gushikamwo.
Ku munsi wa nyuma wo kwiyamamaza – ari muri komine ya ya N’Jili hafi y’ikibuga c’indege ca Kinshasa – Felix Tshisekedi yongeye kwifatira mu gahanga mugenziwe w’Urwanda.
Inyanduruko yavuye kw’itangazo uwatwara umugwi wari ujejwe amatora yo mu 2018 yasohoreye i Nairobi ku wa gatanu.
Corneille Na’anga yavuze ko ashinze urunani rushasha rwo kurwanya ubutegetsi bwa reta ya Congo rwifatanije na M23, umugwi witwaje ibigwanisho usanzwe ugwaniriza reta ya Congo mu buseruko bw’ico gihugu.
Reta ya Congo isanzwe yagirizwa Urwanda ko rushigikiye M23, ivyo reta y’ico gihugu idasiba guhakana.
Tshisekedi yavuze ko hamwe hogira igitero na kimwe gikorwa n’urwo runani rushasha azoca asaba inama nshingamateka y’ihihugu ciwe imuhe uburenganzira bwo gutangaza ko yinjiye mu ntambara n’igihugu c’Urwanda.
Ico gihe umuvugizi wa reta y’Urwanda yavuze ko amajambo y’umukuru w’igihugu ca Congo ari “iterabwoba rikomeye kandi ryeruye”.
Crédit: Lien source


Les commentaires sont fermés.