DR Congo mu matora: Hamwe baharura amajwi, ahandi amatora akabandanya

Ahavuye isanamu, INNOCENT BUCHU/BBC

Insiguro y’isanamu,

Guharura amajwi mu kigo c’ishure rya Himbi i Goma

Muri Repuburuka ya Demokrasi ya Congo umugwi ujejwe amatora CENI uri mu gikorwa co guharura amajwi yavuye mu matora yo kuri uyu wa gatatu itariki 20 Kigarama(12). Ariko muri uwo mwanya nyene, amatora yabandanije bibanza bitashoboye kwugurura ejo kubera ingorane z’ibikoresho.

No ku murwa mukuru Kinshasa hari ibiro vyuguruye uyu kuri uyu wa kane. Ku munsi w’amatora, kubera imashini n’ibindi bikoresho vy’amatora hamwe bitakoze neza, hari abatoye gushika mu masaha ya mbere y’uwu wa kane, nk’uko abamenyeshamakuru ba BBC bavyiboneye.

Muri komine Karisimbi mu gisagara ca Goma muri Kivu ya Ruguru, abatashoboye gutora ejo bari bazindutse ku kibanza c’itora ca Musawato basaba uburengenzira bwabo.

Uwujejwe ico kibanza, Matthieu Ruchogoza, yahavuye abibemerera kuri uyu muhingamo amaze kuronka amabeteri y’imashini z’itora.

Crédit: Lien source

Les commentaires sont fermés.