Ishirahamwe SADC (Southern Africa Development Community) rihurikiyemwo ibihugu vyo muri Afrika yo mu bumanuko ryatangaje ko ingabo zaryo zamaze gushika muri Repuburika ya Demokarasi ya Congo.
Ubwo butumwa bwo gufasha kugarukana amahoro muri ico gihugu mu kurwanya imigwi yitwaje ibigwanisho bwahawe izina rya SAMIDRC (Southern Africa Development Community Mission in the Democratic Republic of Congo).
Itangazo rya SADC ryo kuri uyu wa kane Nzero (1) rivuga ko izo ngabo zashitseyo kuva itariki 15 Kigarama (12) 2023 » mu ntumbero yo gufasha reta ya Congo kugarukana amahoro n’umutekano mu buseruko bwa Congo, ihanzwe n’ukwiyongera kw’indyane n’umutekano bitewe n’ukwivyukiranya kw’imigwi yitwaje ibirwanisho ».
Izo ngabo za SADC zigiye gusubirira iz’ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko, EAC (EACRF).
Reta ya Congo yasavye ko zivayo mu mpera z’umwaka uheze ata n’umwaka zimazeyo ivuga ko ata kinini zayifashije mu kurwanya imigwi yitwaje ibigwanisho na cane cane M23.
EACRF yarimwo ingabo zituruka mu Burundi, Kenya, Uganda na Sudan. N’ubwo Tanzania isanzwe na yo iri mu bihugu bigize EAC, nta ngabo yari yararungitse mu rwego rwa EACRF.
Urwanda na rwo nta ngabo rwari rwarungitse mu gihe Congo irwagiriza kuba rushigikiye M23, ivyo uwo muhari n’Urwanda nyene bidasiba guhakana.
Mu 2013, izo ngabo za SADC nyene ni zo zatujije uwo muhari imbere y’uko usubira kuvyura umutwe mu 2021.
Afrika y’Epfo, Malawi na Tanzania
Kurungika ingabo za SAMIDRC vyemejwe mu nama idasanzwe y’abakuru b’ibihugu n’amareta yabereye i Windhoek muri Namibia, kw’itariki 8 z’ukwezi kwa 5 mu 2023 nk’umuti w’akarere ku kibazo c’umutekano muke kandi uguma utosekara mu buseruko bwa Kongo.
Ku bijanye n’ibikorwa vya SAMIDRC, itangazo rivuga ko ingabo z’akarere ka SADC ziturutse muri Malawi, Afrika y’epfo na Tanzaniya ziriko zirakorana n’ingabo za Congo (FARDC), mu kurwanya imigwi yitwaje ibirwanisho ikorera mu buseruko bw’ico gihugu.
SADC ivuga ko umuzo wa SAMIDRC werekana ishaka ry’ibihugu bigize umuryango wa SADC mu gushigikira Congo mu twigoro twayo two kugarukana amahoro aramvye kandi bitebe canke bitebuke bizofasha mw’iterambere riramvye n’ubutunzi.
Iryo shirahamwe risigura ko kurungika ingabo za SAMIDRC biri mu ntumbero ryaryo ryo kwivunira umwansi hamwe no gufatira ingingo hamwe, nk’uko biri mu masezerano ya SADC yo kurwaniriza umwansi hamwe yo mu 2003.
Ayo masezerano avuga ati: »Igitero c’ibirwanisho ico ari co cose gikorewe kimwe mu bihugu bigize uyu muryango kizofatwa nko guhungabanya amahoro n’umutekano w’igihugu kimwe kimwe mu birigize kandi bizoca bifatira hamwe ingingo yo kwivuna .”
Umuyobozi w’ingabo za SAMIDRC ni Jenerali Majoro Monwabisi Dyakopu ava muri Afrika y’Epfo.
Crédit: Lien source


Les commentaires sont fermés.