Ahavuye isanamu, Getty Images
Imigenderanire hagati ya Congo n’Urwanda imaze igihe kitari gito yifashe nabi
Igisirikare c’Urwanda kiuvuga ko abasirikare batatu bo mu gihugu kibanyi ca Republika ya Demokrasi ya Congo bajabutse umupaka mw’ijoro.
Buvuga ko umwe muri bo yarashwe agapfa inyuma yo kurasa ku basirikare bariko barakizura.
Mw’iitangazo kigira kiti: « Babiri muri abo basirikare, Sgt Asman Mupenda Termite w’imyaka 30 na Cpl. Anyasaka Nkoi Lucien w’imyaka 28 bafashwe n’abasirikare ba RDF bafashijwe n’abanyagihugu bari mw’irondo.
« Abo basirikare ba FARDC bari bafise inkoho zo mu bwoko bwa AK-47, ‘ibikono bine birimwo amasase 105, ikoti ikinga amasase n’udusashe (sachet) tw’urumogi. »
Igihugu ca Congo nta co kirabivugako.
Si ubwa mbere haba ingorane zijanye na gisirikare ku mupaka wa Congo n’Urwanda, na cane cane aho i Rubavu.
Imigenderanire hagati ya Congo n’Urwanda yifashe nabi cane mu gihe impande zose ziguma zagirizanya gushigikira imigwi y’abagwanyi igeramiye umutekano w’ivyo bihugu.
Urwanda rwagiriza RDC gushigikira abagwanyi ba FDLR mu gihe Congo yagiriza Urwanda gufata mu mugongo abagwanyi ba M23.
Mu kwezi kwa cu cumi na kabiri mu 2023, igihe prezida Felix Tshisekedi -aherutse gutsindira gutwara Congo ikiringo kigira kabiri – yariko ariyamamaza, yagereranije prezida Paul Kagame na Hitler, ati « Ndamwemereye ko azoheza nka Hitler ».
Ibi yabivugiye imbere y’abantu bari baje kumwumviriza i Bukavu, hafi y’urubibe igihugu ciwe gihana n’Urwanda.
N’aho hari utwigoro twakozwe two kurwanya indyane, harimwo n’amasezerano yo guhagarika intambara hamwe n’irungikwa ry’ingabo z’akarere n’iza ONU, akarere k’ubuseruko karangwamwo umutekano muke.
Imbere y’aha, Tshisekedi yari amaze kwagiriza prezida Kagame ko ari « umwansi wa Repubulika ya Demokarasi ya Congo ». Mu kiganiro na BBC, yavuze ko imigenderanire yabo ari « mibi ku buryo bigoye kuronka ijambo nyaryo wokoresha. Ni we yahisemwo gutera Repubulika ya Demokarasi ya Congo ».
Mu butumwa bwiwe yacishije ku rubuga rwa X rwahoze rwitwa Twitter, mu kwishura ku majambo agereranya Perezida Kagame na Hitler, Yolande Makolo avugira reta y’Urwanda yavuze ko ari “iterabwoba rikomeye kandi ryeruye ry’umukuru w’igihugu ca DR Congo, mu gihe FDLR ubu ifise ibirwanisho vyinshi itari bwigere igira”.
Mu ntumbero yo gusukamwo mabisi, ishirahamwe ry’ubuseruko bwa Afrika ryararungitseyo abasirikare kugira baje hagati y’ingabo za Congo n’abagwanyi ba M23.
Ariko ata n’umwaka uheze, prezida Felix Tshisekedi yabagirije ko ata co bariko barakora, asaba ko bavayo kugira basubirizwe n’aba SADC.
Crédit: Lien source


Les commentaires sont fermés.