Nta ruhara dufise mu ntambara ya DR Congo – igisirikare ca Uganda

Ahavuye isanamu, @mulumba_jules

Insiguro y’isanamu,

Igisirikare ca Uganda kivuga ko iyi foto yakoreshejwe n’umuvugizi wa Wazalendo yafashwe igihe abasirikare b’iki gihugu bari mu ngabo z’akarere ka EAC bari ahitwa Tsengero mu karere ka Bunagana

Umuvugizi w’igisirikare ca Uganda (UPDF) yamirira kure ivyagirizwa iki gisirikare ko cagiye gufasha umuhari w’inyeshamba za M23 zirwanya reta ya Repubulika ya Demokarasi ya Congo mu buseruko bw’iki gihugu.

Mw’itangazo yasohoye, Général de Brigade Felix Kulayigye, yagiriza Jules Mulumba, umuvugizi w’ihuriro ry’imirwi ifashe mu mugongo reta ya Congo muri iyo ntambara rizwi nka Wazalendo, ko akwiragiza ibinyoma ko “UPDF iri muri Rutshuru”.

Jenerali Kulayigye avuga ko ata mvo n’imwe yotuma ingabo za Uganda zivanga mu ntambara iraba Abanyecongo, “kiretse biciye mu mugambi w’amahoro w’akarere”.

Kuva imyaka itari mike igihugu ca Congo kiri mu ntambara zidahera, uhereye ku ya mbere ya 1996-97 yasenyuye ubutegetsi bwa Mobutu Sese Seko, Uganda yamye yagirizwa kugira uruhara mu gufasha imirwi y’inyeshamba itandukanye, ariko ntikunze kuvugwa cane ko yoba ifasha umuhari M23 nk’uko bimeze ku Rwanda muri kino gihe.

Crédit: Lien source

Les commentaires sont fermés.