Abantu ibihumbi n’ibihumbi baramaze guta izabo bivuye kuri iyo ntambara yo mu buseruko wa Congo
Onu yafatiye ibihano vyo ku bigwanisho, ku ngendo n’amatungo y’abakuru b’abagwanyi batandatu muri Republika ya Demokrasi ya Congo, mu gihe intambara ishushe mu buseruko bw’ico gihugu.
Mu bafatiwe ibihano, harimwo umuvugizi wa gisirikare w’umugwi wa M23, umu jenerali w’umuhari Force Democratique pour la liberation du Rwanda (FDLR) hamwe n’abategetsi babiri b’umugwi wa Uganda witwaje ibigwanisho, Allied Democratic Forces (ADF).
Abandi, umwe n’umukuru w’umuhari CNPSC ( Coalition Nationale du Peuple pour la Souveraineté du Congo, umugwi ugizwe n’aba Maï-Maï, hamwe n’uwurongoye umugwi witwaje ibigwanisho wa Twirwaneho.
Ivyo vyatangajwe vyakurikiye inama y’akanama ka Onu kajejwe umutekano kw’isi yabaye ku musi wa kabiri, yari ifise intumbero yo kuganira ku kibazo c’umutekano muri Congo.
Uwaserukiye Amerika muri iyo nama ya Onu yagize ati: »Turanezerjwe n’uko uyu musi, abandi bakuru b’abagwanyi batandatu bafatiwe ibihano n’umugwi wa Onu uraba ibihano kuri Congo. »
Yongeyeko ati: »M23 na FDLR ni bo batuma haba intambara hagati y’amareta ya Congo n’Urwanda.
Congo yagiriza Urwanda gushigikira umugwi urongowe n’abatutsi wa M23, mu gihe reta y’Urwanda na yo yagiriza ico gihugu kibanyi gukorana n’umugwi wiganjemwo abahutu wa FDLR, ivuga ko wagize uruhara muri jenoside yo mu Rwanda yo mu 1994.
Mu nama yo guhanahana ivyiyumviro mu kanama ka Onu kajejwe umutekano, abakagize bagiye bakurakuranwa kwiyamiriza ibitero vya M23 mu gisagara ca Sake, vyatumye abantu ibihumbi n’ibihumbi bata izabo.
Mu kwezi kw’umunani mu mwaka 2023, Reta Zunze Ubumwe za Amerika zarafatiye ibihano abantu batandatu bagirizwa kugira uruhara mu gukomeza intambara mu buseruko bwa Repuburika ya Demokrasi ya Congo (RDC).
Brigadier General Andrew Nyamvumba – umukuru w’ibikorwa muri ‘division’ ya gatatu y’ingabo z’Urwanda, RDF – itangazo rikavuga ko mu ntango za 2022 ingabo z’iyo ‘division’ zinjiye ku butaka bwa Congo, hanyuma zifatanije n’abagwanyi ba M23, batera ibirindiro vy’ingabo za Congo, FARDC, bamwe barapfa.
Muri M23 na ho uwafatiwe ibihano ni Bernard Byamungu, itangazo rivuga ko ari icegera c’uwujejwe ibikorwa n’iperereza.
Mu ngabo za DR Congo uwafatiwe ibihano ni Colonel Salomon Tokolonga, itangazo rivuga ko atwara ‘regiment’ ya 3422 muri FARDC.
Tokolonga yagirizwa ko mu kwezi kwa Rusama (5) mu 2022 yakoresheje inama aho imigwi myishi yitwaje ibigwanisho y’aho muri Congo, yemeye gushinga urunani rwo kurwanya M23.
Tokolonga yagirizwa ko yahaye ibigwanisho abagwanyi ba FDLR bagwanya M23, nk’uko biri muri iryo tangazo.
Muri FDLR abafatiwe ibihano ni batatu.
Apollinaire Hakizimana, komiseri ajejwe kwivuna abansi
Brigadier General Sebastian Uwimbabazi ajejwe iperereza
Protogene atwara umugwi ushamikiye kuri FDLR uzwi nka Maccabe, kera wari uzwi nka Commando de Recherche et D’Action en Profondeur (CRAP)
Protogene yagirijwe n’ishirahamwe rya Buraya kutegura, gutanga amategeko canke gukora ibikorwa vy’amabi akomeye ku burenganzira bwa zina muntu muri Congo hamwe no gukomeza intambara, amaragamo make n’umutekano muke muri Congo.
Crédit: Lien source


Les commentaires sont fermés.