Onu yafatiye ibihano abakuru b’abagwanyi muri DR Congo

Insiguro y’isanamu,

Abantu ibihumbi n’ibihumbi baramaze guta izabo bivuye kuri iyo ntambara yo mu buseruko wa Congo

Onu yafatiye ibihano vyo ku bigwanisho, ku ngendo n’amatungo y’abakuru b’abagwanyi batandatu muri Republika ya Demokrasi ya Congo, mu gihe intambara ishushe mu buseruko bw’ico gihugu.

Mu bafatiwe ibihano, harimwo umuvugizi wa gisirikare w’umugwi wa M23, umu jenerali w’umuhari Force Democratique pour la liberation du Rwanda (FDLR) hamwe n’abategetsi babiri b’umugwi wa Uganda witwaje ibigwanisho, Allied Democratic Forces (ADF).

Abandi, umwe n’umukuru w’umuhari CNPSC ( Coalition Nationale du Peuple pour la Souveraineté du Congo, umugwi ugizwe n’aba Maï-Maï, hamwe n’uwurongoye umugwi witwaje ibigwanisho wa Twirwaneho.

Ivyo vyatangajwe vyakurikiye inama y’akanama ka Onu kajejwe umutekano kw’isi yabaye ku musi wa kabiri, yari ifise intumbero yo kuganira ku kibazo c’umutekano muri Congo.

Crédit: Lien source

Les commentaires sont fermés.