M23 ivuga ko ingabo za MONUSCO zirwana ku ruhande rwa reta
Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ONU, António Guterres, ariyamiriza igitero cakozwe ku ngabo zaryo ziri mu butumwa bwa MONUSCO ku wa gatandatu itariki 16 Ntwarante (3).
Mw’itangazo ryaraye risohowe n’umuvugizi wiwe, umunyamabanga mukuru wa ONU yibutsa ko ibitero ku ngabo za ONU zijejwe kubungabunga amahoro n’umutekano bishobora gufatwa nk' »ivyaha vyo mu ntambara mu mategeko mpuzamakungu ».
Farhan Haq ntavuga ariko abateye ibi bisasu ku birindiro vya MONUSCO. Bintou Keita, intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru wa ONU akaba ari na we arongoye MONUSCO, ashimangira ko MONUSCO yiyemeje gushigikira amatohoza kugira ngo abakoze iki gitero bashirwe imbere y’intahe.
Hagati aho, umuhari Alliance Fleuve Congo (AFC) wowo wagiriza izi ngabo za MONUSCO ko zegamiye ku ruhande rw’ingabo za reta, ukavuga ko “imigenderanire hagati y’umuhari wacu na MONUSCO yategerezwa kandi itegerezwa gushingira ku kwubahiriza amategeko ngenderwako ajanye no kubungabunga amahoro n’umutekano”, nk’uko biri mw’itangazo nawo waraye usohoye.
Umuvugizi wa AFC, Lawrence Kanyuka avuga ko urunani rw’ubutegetsi bwa Kinshasa, “cane cane FARDC, FDLR, abacangero, imirwi yitwaje ibirwanisho, ingabo z’Uburundi n’ingabo za SADC”, rukoresha “ibigo bitandukanye vya MONUSCO nk’ibirindiro n’ubuhungiro vyarwo… kandi rukabikayo ibirwanisho biremereye… ingendo iteye kubiri n’ubutumwa bwa MONUSCO”.
Umuvugizi w’umunyamabanga mukuru wa ONU avuga ko ingabo za ONU zarungitswe mu rwego rw’igikorwa ciswe Opération Springbok catangujwe muri Munyonyo (11) umwaka uheze wa 2023, mu ntumbero yo gukingira abasivire muri ako karere.
Mw’iri tangazo, umunyamabanga mukuru wa ONU yongeye gutera akamo imihari yose y’inyeshamba ya Congo ni’iy’abanyamahanga gushira hasi ibirwanisho, ikitabira idatevye umugambi wo gusubiza ibirwanisho.
Arasaba kandi M23 kuva mu turere twose yigaruriye no kwubahiriza ibiri mw’itangazo rya Luanda ryo ku wa 23 Munyonyo 2022.
Ati: “Ubwigenge n’ubusugire bw’ubutaka bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo bitegerezwa kwubahirizwa”.
Umunyamabanga mukuru ashimangira ko MONUSCO ari ngombwa ko ishira mu ngiro inshingano zayo zo gukingira abasivire.
Hari haciye imisi mike umuhari AFC, urimwo n’umurwi wa M23, usavye Inama Nkuru ya ONU ijejwe umutekano kw’isi “kwiyamiriza ibikorwa biteye kubiri n’amategeko vya MONUSCO bidahuye n’ubutumwa bwayo, amategeko mpuzamakungu hamwe n’ivyapfunditswe na ONU”, hari mw’itangazo uno muhari wasohoye ku wa 28 Ruhuhuma (2).
AFC yavuga ko “MONUSCO itegerezwa gukora ata ruhande yegamiye, igafata kumwe impande zishamiranye, ata nkunzi”.
Ico gihe, AFC yagirije MONUSCO ko yariko ifasha urunani rwa reta ya Kinshasa ihanganye narwo mu kwunguruza inkomere zarwo, ku bw’uno muhari ibi bikaba bitari mu nshingano za MONUSCO.
“AFC irababazwa n’iyi ngendo ya MONUSCO igatera akamo ibihugu bigize Inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano kw’isi gutanga insiguro idatevye kuri ibi bintu”.
Nubwo gushika ubu uruhande rwateye ibi bisasu ku birindiro vya MONUSCO rutaramenyekana, mw’iryo tangazo ryo mu kwezi guheze AFC yavuga ko kubona MONUSCO irwana ku ruhande rwa reta, « bitesha agaciro ONU » kandi “bituma iboneka ko ari umurwanyi ari mu ntambara ».
Crédit: Lien source


Les commentaires sont fermés.