DR Congo: Ni nde yarashe ku ngabo za MONUSCO?

Insiguro y’isanamu,

M23 ivuga ko ingabo za MONUSCO zirwana ku ruhande rwa reta

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ONU, António Guterres, ariyamiriza igitero cakozwe ku ngabo zaryo ziri mu butumwa bwa MONUSCO ku wa gatandatu itariki 16 Ntwarante (3).

Mw’itangazo ryaraye risohowe n’umuvugizi wiwe, umunyamabanga mukuru wa ONU yibutsa ko ibitero ku ngabo za ONU zijejwe kubungabunga amahoro n’umutekano bishobora gufatwa nk' »ivyaha vyo mu ntambara mu mategeko mpuzamakungu ».

Farhan Haq ntavuga ariko abateye ibi bisasu ku birindiro vya MONUSCO. Bintou Keita, intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru wa ONU akaba ari na we arongoye MONUSCO, ashimangira ko MONUSCO yiyemeje gushigikira amatohoza kugira ngo abakoze iki gitero bashirwe imbere y’intahe.

Crédit: Lien source

Les commentaires sont fermés.