Kardinali Fridolin Ambongo arongoye Ekleziya Katolika muri DR Congo asabwa gutanga umuco ku majambo aherutse gushikiriza afatwa ko ari ayo guha impigi abaja kwifatanya n’inyeshamba zirwanya reta
Reta ya Repubulika ya Demokarasi ya Congo iriyamiriza amajambo aherutse gushikirizwa na Kardinali Fridolin Ambongo arongoye Ekleziya Katolika muri ico gihugu, ikavuga ko ari amajambo abangamye cane.
Kubwa Patrick Muyaya, umushikiranganji ajewe kumenyesha amakuru akaba n’umuvugizi wa reta ya Congo, amajambo ya Kardilani Ambongo ashobora gufatwa nk’ayo gutera intege Abakongomani “baja kwifatanya n’umwansi yateye igihugu”.
Ni inyuma y’aho, mw’ijambo ryiwe yashikirije Abakristu ku wa Gatandatu Mweranda buca ari Pasika, Kardinali Ambongo, yavuze ko imvo ituma haba abanyagihugu ba Congo baja kwifatanya n’inyeshamba zirwanya ubutegetsi mu buseruko bw’ico gihugu ari uko bababazwa n’ivyo bakorerwa.
Ati: “Abana b’igihugu baragenda, mbere bamwe bavuye i Kinshasa, hanyuma bakaja kwinjira mu nyeshamba zirwanya reta mu buseruko. Ni ukwibaza ikibazo, kubera iki? Kubera iki?
“Turashobora gushavurira abagiye, turashobora kubita abahemu, ariko dukwiye kwibaza tuti ‘kubera iki aba bantu bahisemwo gukora gutyo?’.
“Ni uko hano dufise uruhara mu gukora ibintu bibabaza abandi. Dufise uruhara mu gukora ibintu bitesha agaciro ubumwe bw’igihugu. Dukora ibintu bikumira abandi kw’itunga ry’igihugu”.
Yavuze ano majambo inyuma y’aho hari abanyaporitike bamwe bamwe ba Congo, nka Corneille Naanga, Jean-Jacques Mamba yahoze mu mugambwe MLC, be n’abandi bavugwa ko biyonkoye ku mugambwe wa Joseph Kabila yahoze arongoye igihugu, PPRD, bagiye kwifatanya n’inyeshamba za M23 zisanzwe ziriko zitana mu mitwe n’ingabo za reta.
Mu kiganiro reta yari iramutse iha abanyamakuru mu ntumbero yo kurabira hamwe intambwe zimaze gushikwako hamwe n’imigambi ya kazoza mu bijanye n’indero, amagara y’abantu no guha ijambo abakenyezi muri Congo cabaye kuri uyu wa gatatu i Kinshasa, umushikiranganji Muyaya yavuze ko bitangaje kwumva “amajambo abangamye nk’aya avugwa n’umurongozi w’idini wo ku rwego nk’urwiwe”.
Ati: “Nta mvo iyo ari yo yose yogutuma ugushigikira Abakongomani, bashaka gufata ibirwanisho kugira ngo bice barondera gushika ku butegetsi mu gihe twahisemwo inzira ya demokarasi.
“Birababaje kubona umurongozi nk’uyu avuga amajambo nk’aya (…) ashobora gufatwa nk’ayo gutera intege, nk’ayo gushigikira abo bahitamwo gufata ibirwanisho bibaza ko bashaka kurondera ubutegetsi, mu gihe tumaze imyaka ibiri turondera kuva muri izi ndyane”.
Muyaya agaruka ku mihari yigeze kuba muri ico gihugu ivuga ko yarwanya reta, nka RCD na CNDP, ariko ubu ikaba itakivugwa, agashimangira ko iyi yari ibikoresho vy’ibihugu vyatera DR Congo, nk’uko M23 nayo ifatwa nk’igikoresho c’Urwanda mu gutera Congo, ivyo reta y’ico gihugu yamye yamirira kure.
Ati: “Nta muhari urwanya ubutegetsi, ni igitero kiva hanze, abenegihugu bagaca bibaza ko bakwiye kwishira hamwe n’umwansi kugira bice abandi bakongomani bitwaza ko hari ibitagenda neza mu gihugu”.
Muyaya atera akamo Abakongomani “kwitonda mu majambo dukoresha mu gihe nk’iki cacu turimwo”, agasaba na Kardinali Kambongo ko “yotanga umuco ku majambo yiwe kugira ngo abantu ntibahave biyumvira ibindi, ko yavuze amajambo yo gutera intege muri uwo mugambi ufise intego yo kwica Abakongomani”.
Bivugwa ko Ekleziya Katolika ifise abanywanyi bababa imiriyoi 35, hafi igice c’abanyagihugu bose ba Repubulika ya Demokarasi ya Congo, kandi kuva kera ifise ikibanza kidasanzwe mu buzima bw’igihugu.
Crédit: Lien source


Les commentaires sont fermés.