DR Congo: Reta na Ekleziya Katolika barabana ay’ingwe

Insiguro y’isanamu,

Kardinali Fridolin Ambongo arongoye Ekleziya Katolika muri DR Congo asabwa gutanga umuco ku majambo aherutse gushikiriza afatwa ko ari ayo guha impigi abaja kwifatanya n’inyeshamba zirwanya reta

Reta ya Repubulika ya Demokarasi ya Congo iriyamiriza amajambo aherutse gushikirizwa na Kardinali Fridolin Ambongo arongoye Ekleziya Katolika muri ico gihugu, ikavuga ko ari amajambo abangamye cane.

Kubwa Patrick Muyaya, umushikiranganji ajewe kumenyesha amakuru akaba n’umuvugizi wa reta ya Congo, amajambo ya Kardilani Ambongo ashobora gufatwa nk’ayo gutera intege Abakongomani “baja kwifatanya n’umwansi yateye igihugu”.

Ni inyuma y’aho, mw’ijambo ryiwe yashikirije Abakristu ku wa Gatandatu Mweranda buca ari Pasika, Kardinali Ambongo, yavuze ko imvo ituma haba abanyagihugu ba Congo baja kwifatanya n’inyeshamba zirwanya ubutegetsi mu buseruko bw’ico gihugu ari uko bababazwa n’ivyo bakorerwa.

Ati: “Abana b’igihugu baragenda, mbere bamwe bavuye i Kinshasa, hanyuma bakaja kwinjira mu nyeshamba zirwanya reta mu buseruko. Ni ukwibaza ikibazo, kubera iki? Kubera iki?

Crédit: Lien source

Les commentaires sont fermés.