RD Congo:  »Nta burenganzira mufise bwo guhemukira igihugu » – umukuru w’ingabo

Ahavuye isanamu, Screenshot_Youtube

Insiguro y’isanamu, Jenerali Christian Tshiwewe ntavuga ingene izi ntwazangabo zahemukiye igihugu

Umukuru w’ibiro bikuru vy’igisirikare ca Repubulika ya Demokarasi ya Congo amenyesha ko hari intwazangabo z’igisirikare n’igipolisi zatawe muri yompi zagirizwa guhemuka.

Mw’ijambo yashikirije ihuriro rusangi ry’abasirikare n’abapolisi ku mugwa mukuru Kinshasa ku wa mbere, Jenerali Christian Tshiwewe, yabasavye kugendera indahiro yabo: “Ntuze wigere uhemukira Congo”.

Ashikirije ibi mu gihe igihugu gihanganye n’imirwi yitwaje ibigwanisho mu buseruko bw’ico gihugu, cane cane umuhari M23 wigaruriye uturere tutari duke muri Rutshuru na Masisi mu ntara ya Kivu ya Ruguru.

Yababwiye ko ari muri iyo ntumbero umukuru w’igihugu Félix Tshisekedi yategetse ko hategurwa idefire yo “gushigikira ingabo zihanganye n’umwansi ku wa 30 z’ukwa gatandatu”. Iyo tariki isanzwe ariwo munsi Congo ihimbaza intahe yo kwikukira yaronse mu 1960.

Crédit: Lien source

Les commentaires sont fermés.