Ahavuye isanamu, Getty Images
Umuryango w’umukongomani Lokassa ya Mbongo, yahoze ari rurangiranwa mu kuvuza igitari, uvuga ko uri mu »mubabaro ntangere n’agakengerwe » mu gihe bakirindiye ko leta ibafasha guhambana iteka uwabo inyuma y’amezi indwi aheze yitavye Imana.
Umubiri wa Lokassa ubitswe mu buruhukiro bw’abapfuye (morgue/mortuary) ku murwa mukuru wa Republika ya Demokarasi ya Kongo i Kinshasa inyuma y’ukuwutahukana uva muri Leta zunze ubumwe z’Amerika nk’uko yari yarabisavye imbere y’uko ashengera ko azohambwa mu gihugu ciwe c’amavukiro.
Umuhungu wiwe André Marie Lokassa yabwiye BBC ko reta yari yarabemereye kuzobafasha gutegura guhambana »iteka rikwiye » izina rya rurangiranwa mu muziki ariko gushika ubu ataco yashoboye gukora.
Ishirahamwe ryo gufashanya ry’abaririmvyi bo murico gihugu ryo rivuka ko ahubwo ari ukutumvikana kwabaye mu muryango wiwe kwatumye ivyo vyose biteba gushikwako.
Umukozi ashinzwe gutanga amakuru mu bushikiranganji bw’imico kama, utugenegene, n’iragi, Magloire Paluku, yanse kugira ico ashikirije igihe yavugana na BBC ku birabana n’ibisabwa n’umuryango wa Lokassa.
André Marie Lokassa yabwiye BBC ko umuryango wasavye reta uburyo bungana n’amadolari $75,000 (£61,000) yo gukoresha mu gufuba ariko gushika ubu ntiburemezwa, ivyo bikagumiza umuryango mu mayirabiri.
Avuga ati: « Ako ni agakengerwe nitwaba twovyita uko », akongera ko uko guteba kwazanye ingorane mu muryango.
Yavuze kandi ko amahera yo kuriha mu buruhukiro bw’abapfuye amaze kurenga amadolari $4,000, umuryango ukizera ko uzohambana iteka se wiwe mu matariki yo hagati y’ukw’icumi mu gihe hatoboneka ubufasha bwa reta.
Arasubira ati: « Ibintu bibandanyije guteba uko, tuzohava dufata iyindi ngingo. »
Lokassa ya Mbongo, izina ryiwe ry’ukuri ni Denis Kasiya Lokassa, yashengeye afise imyaka 77 inyuma y’ugusinzikizwa n’ingwara y’igisukari (diabetes) hamwe n’ingorane zatewe na AVC/Stroke yagize mu 2020.
Yari umwe mu bantu ba mbere bavuza neza igitari muri DR Congo, ariko yamaze igihe kinini akorera umuziki wiwe mu murwa mukuru w’Ubufaransa i Paris, aho yari arongoye umurwi wa Soukous Stars kuva mu 1984.
Mu nyuma yahavuye afashanya n’umuririmvyi Sam Mangwana wo muri Cote d’Ivoire/Ivory Coast gushinga umurwi wa African All Stars.
Uyu muvuzi w’igitari yibukirwa ku ndirimbo zakunzwe nka Bonne Annee, Monica, Marie-Josse, Lagos Night na Nairobi Night.
Yahavuye yimukira muri Leta zunze ubumwe za Amerika mu 1996, aho yaba gushika asandavye mu kwa gatatu. Ukwezi kwakurikiyeho, umubiri wiwe waciye utahukanwa muri DR Congo.
Ahavuye isanamu, André Marie Lokassa
André Marie Lokassa avuga ko yipfuza guhambana se iteka rimukwiye
Ariko rero, Artist in Danger, ishirahamwe ryo gufashanya ry’abaririmvyi muri DR Congo, ryavuze ko reta itotabwako umwikomo ku bijanye n’uko guteba guhamba kandi vyatumwe n’ukutumvikana kw’umuryango wiwe ku wuzoserukira umuryango mu myiteguro yo kumuhambana iteka.
Umukuru w’iryo shirahamwe, Tsaka Kongo, yabwiye BBC ko umuryango wiwe wasabwe kuzana ikete ku bayobozi ryemeza ko izo ngorane zaheze kugira reta ishobore gutunganya ipfubwa ryiwe.
Bwana Kongo yavuze ati: « Naregereye umuryango wa Lokassa kugira ndabafashe kwihutisha gutunganya ipfubwa ariko bashimye kuvyikorana, ivyo naciye nubahiriza. Ukwo guteba (guhamba Lokassa) kurababaje, icipfuzo canje n’uko inyishu yotorwa vuba hashoboka. »
Mu kwa kane, umubiri w’uwundi muririmvyi azwi w’umukongomani, Saak Sinatra Sakul, waratahukanwe i Kinshasa uvuye i Paris kugira bawuhambane iteka.
Umuryango wari wizeye ko reta izobafasha kumuhambana iteka, ariko abaryango baramwihambiye ku buryo bwabo ku bwoba bw’uko umubiri wiwe wari kwononekara kubera wari wabitswe mw’isandugu iminsi 10 aho kujanwa mu buruhukiro bw’abapfuye.
Sakul yari mu murwi w’abaririmvyi, Orchestre Sosoliso Trio Madjesi, ufise icicaro i Kinshasa.
Hari abandi baririmvyi b’abakongomani barindirijwe amezi guhambanwa iteka inyuma y’ugusandaba.
Aba barimwo umwanditsi w’indirimbo akanavuza saxophone Kiamuangana Mateta Verckys, yapfuye mu kw’icumi kw’umwaka uheze akaza guhambanwa iteka mu kw’icumi na kabiri, hamwe na rurangiranwa mu muziki wa Jazz Lutumba Simaro Masiya, yapfuye mu kwa gatatu mu 2019 akaba yahambanwe iteka mu kwa gatanu k’uyo mwaka nyene.
Nicole Londala, umwishwa wa Lokassa, nawe ata umwikomo kuri reta kuri uko guteba akavuga ko reta itashikanye isezerano ryo gutanga uburyo bwo gupfuba.
Londala yabwiye the BBC ati: « Twari twizeye ko ipfubwa ryoba mu minsi 5 canke 10. Birababaje kubona ko kuva itariki 16 z’ukwa kane tucicaye tukirindiriye ko ipfubwa ryoba. »
Crédit: Lien source


Les commentaires sont fermés.