Lokassa ya Mbango, rurangiranwa mu muziki muri DR Congo, ntarahambwa inyuma y’amezi 7 ashengeye

Ahavuye isanamu, Getty Images

Umuryango w’umukongomani Lokassa ya Mbongo, yahoze ari rurangiranwa mu kuvuza igitari, uvuga ko uri mu  »mubabaro ntangere n’agakengerwe » mu gihe bakirindiye ko leta ibafasha guhambana iteka uwabo inyuma y’amezi indwi aheze yitavye Imana.

Umubiri wa Lokassa ubitswe mu buruhukiro bw’abapfuye (morgue/mortuary) ku murwa mukuru wa Republika ya Demokarasi ya Kongo i Kinshasa inyuma y’ukuwutahukana uva muri Leta zunze ubumwe z’Amerika nk’uko yari yarabisavye imbere y’uko ashengera ko azohambwa mu gihugu ciwe c’amavukiro.

Umuhungu wiwe André Marie Lokassa yabwiye BBC ko reta yari yarabemereye kuzobafasha gutegura guhambana  »iteka rikwiye » izina rya rurangiranwa mu muziki ariko gushika ubu ataco yashoboye gukora.

Ishirahamwe ryo gufashanya ry’abaririmvyi bo murico gihugu ryo rivuka ko ahubwo ari ukutumvikana kwabaye mu muryango wiwe kwatumye ivyo vyose biteba gushikwako.

Crédit: Lien source

Les commentaires sont fermés.