Ahavuye isanamu, Getty Images
Mu majwi y’imfatakibanza yatangajwe ejo, Perezida Félix Tshisekedi afise amajwi imiriyoni 11.6 ku miriyoni 15.9 amaze guharurwa, ni ukuvuga 72.89%
Inyuma y’imisi cumi habaye amatora rusangi muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo, umurwi ujejwe gutegura amatora muri iki gihugu waraye ushize ahabona ibiharuro vy’amajwi amaze guharurwa biha Perezida Felix Tshisekedi 72.89%.
Muri ibi biharuro vyatanzwe n’uno murwi ejo ku wa gatanu, umukeba mukuru wa Perezida Tshisekedi, Moïse Katumbi, umutunzi akomeye yahoze anarongoye intara ya Katanga aza ubwa kabiri n’amajwui 18.27%, nayo Martin Fayulu yari yabaye uwa kabiri mu matora ya 2018 afise 5.20%.
Perezida Tshisekedi asanzwe ariko arondera ikiringo kigira kabiri, ahanganye n’abandi 18 batavuga rumwe nawe, bananiwe no kwishira hamwe kugira ngo batange umuntu umwe yari kubaserukira muri ayo matora.
Muri aba bahanganye nawe, babiri muri bo baremeye ko batsinzwe, aba nabo bakaba ari Constant Mutamba, w’imyaka 35 ari na we afise imyaka mike mu bitoreza ikibanza c’umukuru w’igihugu yavyemeye hirya y’ejo ku wa kane, hamwe na Tony Bolamba yahoze ari buramatari w’intara ya Equateur, yaraye avyemeye.
Mu majwi y’imfatakibanza yatangajwe ejo, Perezida Tshisekedi afise amajwi imiriyoni 11.6 ku miriyoni 15.9 amaze guharurwa n’umurwi ujejwe gutegura amatora.
Ariko ano matora yaraneguwe bikomeye n’abiyamamariza ikibanza c’umukuru w’igihugu bashika cumi, bavuga ko yabayemwo “ubusuma bwinshi cane”.
Moïse Katumbi yasavye ko ano matora afutwa, mu gihe Martin Fayulu avuga ko yabaye amanyanga. Umurwi ujejwe gutegura amatora uremera ko habayemwo utunenge tumwe tumwe, ariko Denis Kadima, umukuru wa CENI yishura avuga ko hafashwe ingingo zo gukosora utwo tunenge kugira ngo amatora abe mu mwidegemvyo kandi abereye.
Bitegekanijwe ko umurwi ujejwe amatora utangaza ibiharuro mfatakibanza vy’ivyavuye mu matora ejo ku wa 31 KIgarama (12) 2023.
Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwashingiro ifise imisi cumi yo kwumviriza abazoyitura biyamiriza ibizoba bitangajwe ko vyavuye muri ano matora imbere y’uko sentare nkuru y’igihugu itangaza ibiharuro ntabanduka ku wa 10 Nzero (1) 2024. Bitegekanijwe ko ibirori vyo kurahira bizoba ku wa 24 Nzero 2024.
Ntibizwi nimba abakeba ba Perezida Tshisekedi bahiganywe na we bazokwitura sentare biyamiriza ibizoba bitangajwe.
Ku wa gatatu w’iyi ndwi, igipolisi ca Congo carasanzaje imyiyerekano yo kwiyamiriza ano matora, yari yatumweko na batanu mu bahanganye na Perezida Tshisekedi. Martin Fayulu, Denis Mukwege, Nkema Liloo, Jean-Claude Baende na Théodore Ngoy bavuga ko yabayemwo ubusuma kubera ukuntu yagiye ateba mu bice bimwe bimwe, kandi ko n’itunganywa ryayo rybayemwo akajagari.
Crédit: Lien source


Les commentaires sont fermés.