DR Congo: Miriyoni 44 mu matora rusangi

Insiguro y’isanamu,

Kw’ishure Reverend Kim ryo muri komine ya Lingwala hageze isaha 12 hatonze abantu bake kandi n’inbiro bitarugurura

  • Umwanditsi, Prime Ndikumagenge
  • Igikorwa, BBC Gahuzamiryango i Kinshasa

Abantu bashika hafi miriyoni 44 bagiye mu matora rusangi muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo, baratora umukuru w’igihugu, abashingamateka ku rwego rw’igihugu n’urwo intara, hamwe n’abajenama b’amakomine.

Ibiro vy’amatora mu gihugu cose ni 74.000. Bitegekanijwe kwugurura isaha 12 zo mu gitondo hanyuma vyugarwe isaha 11 z’umugoroba.

Ariko nko ku murwa mukuru Kinshasa kuri iyo saha abantu ntibari bwatangure gutora uretse n’uko ata benshi bazindutse kuja muri ico gikorwa.

Insiguro y’isanamu,

Kw’ishure Athénée de la Gombe niho bitegekanijwe ko umukuru w’igihugu ahasanzwe, Felix Tshisekedi, n’umwe mu bo bahiganwa, Martin Fayulu, baja gutorera

No ku biro bikuru vy’amatora biri kw’ishure rya Athénéede la Gombe -aho bitegekanijwe ko umukuru w’igihugu ahasanzwe, Felix Tshisekedi, n’umwe mu bo bahiganwa , Martin Fayulu- baja gutorera, mu masaha yo kwugurura amatora ntiyari bwatangure.

Crédit: Lien source

Les commentaires sont fermés.