Ahavuye isanamu, INNOCENT BUCHU/BBC
Guharura amajwi mu kigo c’ishure rya Himbi i Goma
Muri Repuburuka ya Demokrasi ya Congo umugwi ujejwe amatora CENI uri mu gikorwa co guharura amajwi yavuye mu matora yo kuri uyu wa gatatu itariki 20 Kigarama(12). Ariko muri uwo mwanya nyene, amatora yabandanije bibanza bitashoboye kwugurura ejo kubera ingorane z’ibikoresho.
No ku murwa mukuru Kinshasa hari ibiro vyuguruye uyu kuri uyu wa kane. Ku munsi w’amatora, kubera imashini n’ibindi bikoresho vy’amatora hamwe bitakoze neza, hari abatoye gushika mu masaha ya mbere y’uwu wa kane, nk’uko abamenyeshamakuru ba BBC bavyiboneye.
Muri komine Karisimbi mu gisagara ca Goma muri Kivu ya Ruguru, abatashoboye gutora ejo bari bazindutse ku kibanza c’itora ca Musawato basaba uburengenzira bwabo.
Uwujejwe ico kibanza, Matthieu Ruchogoza, yahavuye abibemerera kuri uyu muhingamo amaze kuronka amabeteri y’imashini z’itora.
Ahavuye isanamu, Innocent Buchu
Kw’ishure rya Musawati muri komine Karismbi i Goma, abatari baraye batoye bavyemerewe
»Ibikoresho bimwe bimwe vyo gutora bitakoze neza vyasubirijwe haciye amasaha menshi cane, amatara yaja aracika mw’ijoro…ni zimwe mu ngorane zabaye ngaha, ariko ibiro vyose vyaruguruye hanyuma birugara, » nk’uko Marie-France, umukuru w’ikibanza kimwe c’itora yabwiye BBC.
Mu bice bimwe bimwe vy’igihugu, umugwi ujejwe amatora CENI wemeye ko amatora abandanya ku munsi ugira kabiri, bikaba ari ubwa mbere bibaye kuva mu 2006.
Umugwi ujejwe amatora wari watangaje ko utegerezwa kwubahiriza ikiringo co gutora kingana n’amasaha 11 uhereye isaha ikibanza cose kiba cugururiyeko nk’uko amategeko avuga.
»Abatora hafi 70% batoye uyu munsi » niko umukuru w’umugwi CENI, Denis Kadima, yemeje ku wa gatatu ku mugoroba igihe yatanga ingereranyo ya mbere y’ingene amatora yagenze.
55% vy’ibibanza vy’itora vyuguruye bicerewe
Mu gihugu haharugwa ibiro vy’amatora birenga 75.000 mu gihe hari hitezwe abatora bashika hafi miriyoni 44.
Urunani rw’amashirahamwe akurikirana amatora, SYMOCEL (Synergie des Missions d’Observation électorale), rugereranya ko ibibanza vy’itora 55% vyuguruye bicerewe hagati y’isaha imwe n’amasaha 11 , navyo 12% ntivyuguruye.
SYMOCEL ivuga kandi ko ku bibanza 5% ata ntonde z’amatora zari zimanitse.
Izindi ngorane urwi runani rwabonye zarimwo:
- ukudakora neza kw’ibibanza vy’itora
- kurungika abateshejwe izabo muri Ituri na Kivu ya Ruguru gutorera kure cane y’ikambi babamwo
- kwikeka ubusuma
- kubuza abaserujkira imigambwe kwinjira mu bibanza vy’itora
- ugupfa kw’imashini z’itora
- gucererwa kwugurura ibibanza vy’itora
- ukugorana kw’abatora bivanye n’uwitoza ashitse, n’izindi.
SYMOCEL ivuga ko 48% y’izo ngorane zatewe n’abatora, 35% ziterwa n’abakozi b’umugwi ujejwe amatora, izindi nazo ziterwa n’abitoza canke indorerezi z’imigambwe ya poritike.
Ku ntara 26 zigize Congo, izabayemwo ingorane kurusha izindi ni 12: Lualaba, Haut Lomami, Mai Ndombe, Lomami, Kasai Oriental, Sankuru, Kwilu, Kwango, Ituri, Kivu y’Epfo, Kivu ya Ruguru na Kinshasa.
Muri ayo matora, abanye-Congo bashika hafi miriyoni 44 bari bahamagariwe gutora umukuru w’igihugu, abashingamateka n’abakenguzamateka hamwe n’abajenama b’amakomine.
Abakomeye mu bitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu ni bane: Felix Tshisekedi arondera ikiringo ca kabiri, Moise Katumbi, Denis Mukwege na Martin Fayulu yatsinzwe mu matora yo mu 2018.
Abo babiri ba nyuma basavye umugwi ujejwe amatora CENI kugira impfagusa ayo matora. Bavuga ko yaranzwe no gucererwa mu bice vyinshi vy’igihugu hamwe n’ingorane z’ubuhinga.
Crédit: Lien source


Les commentaires sont fermés.