DR Congo: Ni nde Judith Tuluka yaraye agenywe nk’umushikiranganji wa mbere?

Ahavuye isanamu, Présidence RDC/ X

Insiguro y’isanamu,

Judith Tuluka yagenywe ngo asubirire Sama Lukonde mu mabanga y’umushikiranganji wa mbere

Inyuma y’amezi abanyagihugu ba Repubulika ya Demokarasi ya Congo barindiriye, umukuru w’igihugu Félix Tshisekedi yaraye agenye umushikiranganji wa mbere, uyu na we akaba ari umugore yitwa Judith Suminwa Tuluka.

Judith Tuluka, umunywanyi w’umugambwe UDPS (Union pour la Démocratie et le Progrès Social) – washinzwe na se wa Félix Tshisekedi, ari we Etienne Tshisekedi, yahoze ari umushikiranganji ajejwe imigambi ya reta kuri reta yahahora yari irongowe na Sama Lukonde asubiriye.

Ni we mugore wa mbere ahawe aya mabanga muri iki gihugu kuva kironse intahe y’ukwikukira mu 1960.

Agenywe mu gihe Congo ihanganye bikomeye n’imirwi yitwaje ibirwanisho igisibije mu buseruko bw’igihugu, cane cane inyeshamba z’umuhari M23 zigaruriye uturere tutari duto twa Rutshuru na Masisi.

Crédit: Lien source

Les commentaires sont fermés.