Ahavuye isanamu, Présidence RDC/ X
Judith Tuluka yagenywe ngo asubirire Sama Lukonde mu mabanga y’umushikiranganji wa mbere
Inyuma y’amezi abanyagihugu ba Repubulika ya Demokarasi ya Congo barindiriye, umukuru w’igihugu Félix Tshisekedi yaraye agenye umushikiranganji wa mbere, uyu na we akaba ari umugore yitwa Judith Suminwa Tuluka.
Judith Tuluka, umunywanyi w’umugambwe UDPS (Union pour la Démocratie et le Progrès Social) – washinzwe na se wa Félix Tshisekedi, ari we Etienne Tshisekedi, yahoze ari umushikiranganji ajejwe imigambi ya reta kuri reta yahahora yari irongowe na Sama Lukonde asubiriye.
Ni we mugore wa mbere ahawe aya mabanga muri iki gihugu kuva kironse intahe y’ukwikukira mu 1960.
Agenywe mu gihe Congo ihanganye bikomeye n’imirwi yitwaje ibirwanisho igisibije mu buseruko bw’igihugu, cane cane inyeshamba z’umuhari M23 zigaruriye uturere tutari duto twa Rutshuru na Masisi.
Mw’ijambo ryiwe, umupfasoni Tuluka yavuze ko arajwe “ishinga n’Ubuseruko bw’igihugu n’utundi turere twose tw’igihugu uno musi duhanganye n’indyane kubera abansi kenshi na kenshi binyegeza, batiyerekana ariko dutegerezwa guhiga tukabirukana mu nzira iyi canke iriya”.
Ahavuye isanamu, Présidence RDC/ X
Judith Tuluka, w’imyaka 56, avuka mu ntara ya Kongo-Central, akaba afise urupapuro rw’umutsindo mu bijanye n’ubutunzi yaronkeye kw’ishure kaminuza Université Libre de Bruxelles (ULB) mu Bubirigi.
Yarakurikiranye kandi n’ivyigwa bijanye n’akazi mu bihugu bikiri mu nzira y’amajambere.
Avuga ko azi neza amabanga amurindiriye kandi ko atoroshe. Ati: “Igikorwa nticoroshe, ingorane ni nyinshi”.
Reta azoba arongoye izoragwa ingorane zirangwa mu buseruko bwa Congo, cane cane mu ntara ya Kivu ya Ruguru, aho ingabo z’igihugu zifashwe mu mugongo n’iz’ishirahamwe SADC rihurikiyemwo ibihugu vyo mu bumanuko bwa Afrika zihanganye n’inyeshamba za M23 zagirizwa mu vyegeranyo vy’abahinga ba ONU ko zifashwe mu mugongo na reta y’Urwanda. M23 na reta y’Urwanda bamye babihakana.
Mu yindi mirwi yitwaje ibirwanisho irangwa mu buseruko bw’igihugu, hampande ya Kivu ya Ruguru, hari kandi n’intara ya Ituri nayo igeramiwe n’inyeshamba za ADF, umuhari urwanya reta ya Uganda na wo nyene umaze imyaka itari mike ugisibije muri iyo ntara.
Ahejeje kugenwa muri ano mabanga y’umushikiranganji wa mbere, yavuze ati: “Ndazi ko inshingano zikomeye ari izanje. Nabwiye umukuru w’igihugu ko yonyizigira kugira ngo ndamufashe gushika kw’iterambere ry’igihugu cacu.”
Crédit: Lien source


Les commentaires sont fermés.