Ahavuye isanamu, Getty Images
Imbere y’aha, Perezida Félix Tshisekedi (i bubamfu) na Perezida Paul Kagame – aha bafashwe isanamu bari kumwe mu 2021- barigeze kuba bayaga neza
Amajambo y’umukuru w’igihugu ca Repubulika ya Demokarasi ya Congo yo kwagiriza mugenziwe w’Urwanda ko ari we ateje indyane mu gihugu ciwe yageze ku rundi rwego, aho yagereranije Perezida Paul Kagame na Adolf Hitler.
Félix Tshisekedi yagirije Perezida Paul Kagame ko yitwara nka Hitler, aca yongerako ati: « Ndamwemereye ko azoheza nka Hitler ».
Perezida Tshisekedi yavuze aya majambo igihe yari mu myiyamamazo yo kwitoreza ikindi kiringo imbere y’abantu bari baje kumwumviriza i Bukavu, hafi y’urubibe rw’Urwanda.
Yamye yagiriza Urwanda ko rufashe mu mugongo inyeshamba zirwanira mu buseruko bw’iki gihugu, ivyo rwamye rwiyamiriza.
Umuvugizi wa reta y’Urwanda avuga ko amajambo y’umukuru w’igihugu ca Congo ari “iterabwoba rikomeye kandi ryeruye”.
Mu gihe amatora asigaje ikiringo kiri musi y’indwi zibiri, Tshisekedi ariko ararondera ko yoshigikirwa kugira arongore ikiringo kigira kabiri.
N’aho hari utwigoro twakozwe two kurwanya indyane, harimwo n’amasezerano yo guhagarika intambara hamwe n’irungikwa ry’ingabo z’akarere n’iza ONU, akarere k’ubuseruko karangwamwo umutekano muke.
Ubwinshi bw’imirwi yitwaje ibirwanisho iragisibije, harimwo inyeshamba z’Abatutsi za M23 Tshisekedi yagiriza ko zifashwe mu mugongo n’Urwanda.
Umurwi w’abahinga ba ONU nabo nyene niko babibonye nk’uko biri mu cegeranyo casohotse mu ntango z’uno mwaka, ivyarimwo bikaba bishigikiwe na Amerika.
Umuhari M23 wagiye wigarurira ubutaka bwa Congo, ivyatumye ibihumbi amajana n’amajana y’abanyagihugu bata izabo.
Mw’ijambo yashikirije ku wa gatanu mw’ijoro, Perezida Tshisekedi yabwiye abanywanyi ko yashaka kubwira Kagame ko « kubera ashaka kwitwara nka Adolf Hitler mu ntumbero yo kwiyagurira ubutaka, ndamwemereye ko azorangiza nka Adolf Hitler.
« Hagati aho, yarahuye n’uwo bangana, umuntu yiyemeje kumuhagarika no gukingira igihugu ciwe ».
Hitler, umutegetsi w’Ubudagi yagirijwe kwica imiriyoni n’imiriyoni z’abantu, harimwo imiriyoni zitandatu z’Abayahudi bagandaguwe mw’ihonyabwoko ryakorewe Abayahudi, ikizwi nka Holocaust, yarangije ubuzima bwiwe yiyahuye aho yaba mu nzu yo mu kuzimu (bunker) ku mugwa mukuru w’Ubudagi, Berlin, mu 1945.
Imigambi yiwe yo kwagura ubutaka bw’Ubudagi yateje intambara ya kabiri y’isi yose.
Imbere y’aha, Tshisekedi yari amaze kwagiriza uno mukuru w’igihugu ko ari « umwansi wa Repubulika ya Demokarasi ya Congo ». Mu kiganiro na BBC mu mwaka uheze, yavuze ko imigenderanire yabo ari « mibi ku buryo bigoye kuronka ijambo nyaryo wokoresha. Ni we yahisemwo gutera Repubulika ya Demokarasi ya Congo ».
Kuva kera, Perezida Kagame yamye yiyamiriza amajambo nk’aya, akagiriza Tshisekedi “gukokeza intambara”, akamwagiriza ahubwo ko yifatanya n’umuhari FDLR w’inyeshamba z’Abahutu uri mu buseruko bwa Congo, Urwanda rufata ko urugeramiye.
Mu butumwa bwiwe yacishije ku rubuga rwa X rwahoze rwitwa Twitter, mu kwishura ku majambo agereranya Perezida Kagame na Hitler, Yolande Makolo avugira reta y’Urwanda yavuze ko ari “iterabwoba rikomeye kandi ryeruye ry’umukuru w’igihugu ca DR Congo, mu gihe FDLR ubu ufise ibirwanisho vyinshi itari bwigere igira”.
Perezida Kagame arongoye Urwanda kuva mu 2000 inyuma y’imyaka itandatu ari icegera c’umukuru w’igihugu kuva inyuma ya jenoside yo mu 1994, aho abantu bababa 800.000 bagandaguwe bunyamaswa n’Abahutu b’intagondwa bahiga inkehwa z’Abatutsi.
Crédit: Lien source


Les commentaires sont fermés.