DR Congo: Perezida Tshisekedi yagereranije Perezida Paul Kagame w’u Rwanda na Hitler

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y’isanamu,

Imbere y’aha, Perezida Félix Tshisekedi (i bubamfu) na Perezida Paul Kagame – aha bafashwe isanamu bari kumwe mu 2021- barigeze kuba bayaga neza

Amajambo y’umukuru w’igihugu ca Repubulika ya Demokarasi ya Congo yo kwagiriza mugenziwe w’Urwanda ko ari we ateje indyane mu gihugu ciwe yageze ku rundi rwego, aho yagereranije Perezida Paul Kagame na Adolf Hitler.

Félix Tshisekedi yagirije Perezida Paul Kagame ko yitwara nka Hitler, aca yongerako ati: « Ndamwemereye ko azoheza nka Hitler ».

Perezida Tshisekedi yavuze aya majambo igihe yari mu myiyamamazo yo kwitoreza ikindi kiringo imbere y’abantu bari baje kumwumviriza i Bukavu, hafi y’urubibe rw’Urwanda.

Yamye yagiriza Urwanda ko rufashe mu mugongo inyeshamba zirwanira mu buseruko bw’iki gihugu, ivyo rwamye rwiyamiriza.


Crédit: Lien source

Les commentaires sont fermés.