DR Congo- Russia: I Kinshasa barahakana kuba bumvikanye ku masezerano ya gisirikare

Insiguro y’isanamu,

Felix Tshisekedi na Vladimir Putin

Reta ya Repuburika ya Demokarasi ya Congo irahakana ibivugwa ko hari amasezerano yashizeko umukono n’Uburusiya mu gufashanya mu vya gisikare.

 »Gushika uyu munsi, nta masezerano yo gufashanya mu vya gisirikare yasinywe ubu vuba hagati y’Uburusiya na Repuburika ya Demokarasi ya Congo. »

Ivyo biri mw’itangazo ryasohowe n’ubushikiranganji bwa Congo bujejwe kumenyesha amakuru mw’itangazo bwasohoye ku wa kane.

Iryo tangazo rije inyuma y’ivyanditswe ku wa kabiri n’itororokanirizo ry’amakuru rya reta y’Uburusiya, TASS, aho ryavuze ko reta y’Uburusiya yemeye integuro y’amasezerano yo gufashanya mu vya gisirikare na Repuburika ya Demokarasinya Congo.

Crédit: Lien source

Les commentaires sont fermés.