Ahavuye isanamu, Presidence RDC
Perezida Tshisekedi (iburyo) ejo yakiriye Salva kiir wa Sudani y’Epfo ubu arongoye Umuryango wa Afrika y’Ubuseruko mu twigoro two kurondera amahoro
Perezida Félix Tshisekedi wa Repubulika ya Demokarasi ya Congo avuga ko ata mugambi reta yiwe ifise wo kwubaka uruhome rugabura igihugu ciwe n’ibihugu bihana urubibe nayo vyagirizwa ko biteje ingorane.
Mu kiganiro n’abanyamakuru inyuma y’umubonano w’ejo ku wa mbere hagati yiwe na mugenziwe wa Sudani y’Epfo, Salva kiir, ari na we arongoye Umuryango wa Afrika y’Ubuseruko muri kino gihe, mu rugendo yarimwo i Kinshasa, Tshisekedi yabajijwe n’umunyamakuru nimba afise uwo mugambi “nk’uko bisabwa n’abanyagihugu hamwe n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike”.
Mu kwishura iki kibazo, Tshisekedi yasubiye kwagiriza atarya umunwa Perezida Paul Kagame w’u Rwanda ko ari we ateje ingorane igihugu ciwe, ariko “ntazokwamaho imyaka yose, igihe ciwe kizogera aho atazokwongera gukinisha ubuzima bw’abantu”.
DR Congo ihana urubibe n’ibihugu icenda, harimwo n’Urwanda rwagirizwa gufasha inyeshamba z’umuhari M23 zimaze igihe zihanganye n’ingabo z’igihugu mu buseruko bwayo.
Reta y’Urwanda ibandanya yiyamiriza ivyo yagirizwa, ariko ku ruhande rwayo nayo ikagiriza reta ya DR Congo ko ikorana n’inyeshamba za FDLR zirwanya ubutegetsi bw’Urwanda.
Mw’ico kiganiro, Tshisekedi, avuga ati: “Dufise urubibe rupima ibirometero ibihumbi. Turamutse twubatse uruhome n’ababanyi bacu, tuzokwicuza kuba twashize amafaranga muri uwo mugambi aho kuyashira mu bindi bisata”.
Perezida Tshisekedi, avuga ko abanyagihugu b’Urwanda n’aba-DR Congo ata kibazo bafitaniye.
Ati: “Abanyarwanda ntibaza gutera igihugu cacu, ni intwaro irongowe n’umuntu arajwe ishinga no gutera be no guteza umudugararo muri DR Congo.
“Rero ikibazo ni intwaro, iyi ntwaro nayo ntizokwamaho imyaka yose. Umusi umwe ibi vyose bizohera, mu nzira iyi canke iriya, hanyuma dusubire kubana neza nk’ababanyi.
“Muri uno mwanya, hariho umuntu aduhungabaniriza umutekano, atubereye inzitizi, ariko ntazokwamaho imyaka yose”.
Ahavuye isanamu, Présidence RDC
Salva Kiir na Félix Tshisekedi mu kiganiro n’abanyamakuru kuwa mbere
Si bwo bwa mbere aba bategetsi bateranye amajambo, bagirizanya ibi canke biriya. Perezida Paul Kagme aherutse kubwira ikinyamakuru Jeune Afrique ko Perezida Tshisekedi « ashoboye vyose kiretse gupima ingaruka z’amajambo yiwe ».
Hagati aho, intambara hagati y’ingabo za DR congo n’umuhari M23 zirabandanya mu buseruko bw’iki gihugu, utwigoro two kugarukana amahoro gushika ubu tukaba ataco turashikako.
Inyuma y’umwaka urenga ingabo z’akarere ka Afrika y’Ubuseruko zamaze muri ako karere, vyabaye ngombwa ko zikura akarenge mu mpera z’umwaka urangiye wa 2023, inyuma y’aho reta ya DR congo yidogeye ivuga ko ataco zayifashije mu kurwanywa M23, maze zica zisubirirwa n’ingabo z’umuryango w’ibihugu vya Afrika y’Ubumanuko SADC.
Mu gihe ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika riherutse gutangaza ko rishigikiye irungikwa ry’izi ngabo za SADC muri ako karere, reta y’Urwanda yoyo ntibona ryiza izi ngabo mu buseruko bwa Congo.
Mu rwandiko rw’ubushikiranganji bw’Urwanda bujejwe imigenderanire bwarungikiye umukuru w’iri shirahamwe mu ntango z’uku kwezi kwa Ntwarante (3), Vincent Biruta ajejwe ubu bushikiranganji yagirije izi ngabo ko zegamiye ku ruhande rumwe, ari rwo rwa reta ya Congo, anarisaba kutazishigikira.
Hagati aho, mw’itangazo ryasohoye ku wa 23 z’uku kwezi, SADC yariyamirije uru rwandiko, aho ishimangira ko kurungika ingabo muri ako karere ari “mu ntumbero yo kugarukana amahoro n’umutekano muri DR Congo, nk’uko biri mu nshingano z’amasezerano ya SADC mu bijanye na poritike, kwivuna abansi, gufashanya mu vyo umutekano, hamwe no gutabarana hagati y’ibihugu birigize”.
Muri uno mubonano hagati ya Perezida Félix Tshisekedi na mugenziwe Salva kiir, ejo ku wa mbere, aba bategetsi bompi bateye akamo ko kunagura amasezerano ya Nairobi na Luanda mu ntumbero yo gutorera vuba inyishu y’umutekano muke urangwa mu buseruko bw’ico gihugu.
Basaba ko hoba guhuza ano masezerano kugira ngo yuzuzanye maze abone gushika ku muti nyawo ku ndyane zirangwa mu buseruko bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo.
Crédit: Lien source


Les commentaires sont fermés.