DR Congo: Tshisekedi avuga ko atokwubaka uruhome ku mupaka n’ababanyi nk’uko hari ababisaba

Ahavuye isanamu, Presidence RDC

Insiguro y’isanamu,

Perezida Tshisekedi (iburyo) ejo yakiriye Salva kiir wa Sudani y’Epfo ubu arongoye Umuryango wa Afrika y’Ubuseruko mu twigoro two kurondera amahoro

Perezida Félix Tshisekedi wa Repubulika ya Demokarasi ya Congo avuga ko ata mugambi reta yiwe ifise wo kwubaka uruhome rugabura igihugu ciwe n’ibihugu bihana urubibe nayo vyagirizwa ko biteje ingorane.

Mu kiganiro n’abanyamakuru inyuma y’umubonano w’ejo ku wa mbere hagati yiwe na mugenziwe wa Sudani y’Epfo, Salva kiir, ari na we arongoye Umuryango wa Afrika y’Ubuseruko muri kino gihe, mu rugendo yarimwo i Kinshasa, Tshisekedi yabajijwe n’umunyamakuru nimba afise uwo mugambi “nk’uko bisabwa n’abanyagihugu hamwe n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike”.

Mu kwishura iki kibazo, Tshisekedi yasubiye kwagiriza atarya umunwa Perezida Paul Kagame w’u Rwanda ko ari we ateje ingorane igihugu ciwe, ariko “ntazokwamaho imyaka yose, igihe ciwe kizogera aho atazokwongera gukinisha ubuzima bw’abantu”.

DR Congo ihana urubibe n’ibihugu icenda, harimwo n’Urwanda rwagirizwa gufasha inyeshamba z’umuhari M23 zimaze igihe zihanganye n’ingabo z’igihugu mu buseruko bwayo.

Crédit: Lien source

Les commentaires sont fermés.