Félix Tshisekedi: Uwari yiyemeje kugira RD Congo ‘Ubudagi bwa Afrika’ yongeye gutorwa

Mu ntango z’ikiringo ciwe ca mbere mu 2019, umukuru wa RD Congo Félix Tshisekedi yari yiyemeje guhindura igihugu ciwe kikaba  »Ubudagi bwa Afrika ». [Ubudagi ni co gihugu ca mbere giteye imbere cane ku mugabane wa Buraya. Kw’isi kiza ubwa kane mu bihugu bitunze cane inyuma ya Amerika, Ubushinwa n’Ubuyapani].

Yari yiyemeje guteza imbere ubutunzi akagwiza akazi ku banyagihugu, mu gihugu c’ubutunzi kama bwinshi ariko aho abanyagihugu benshi baba mu bukene.

Mu myaka itanu y’ikiringo ca mbere ku butegetsi, ntiyashitse ku ntego yiwe yo guhindura igihugu ciwe kinini cane, ariko ubu aronse amahirwe ya kabiri inyuma yo gutangazwa ko yatahukanye intsinzi mu matora yaranzwe n’akajagari. Bitegekanijwe ko arahirira ikiringo ca kabiri ku wa 20 Nzero(1).

Tshisekedi ubwa mbere yashitse ku butehetsi mu buryo budasanzwe.

Crédit: Lien source

Les commentaires sont fermés.