Mu ntango z’ikiringo ciwe ca mbere mu 2019, umukuru wa RD Congo Félix Tshisekedi yari yiyemeje guhindura igihugu ciwe kikaba »Ubudagi bwa Afrika ». [Ubudagi ni co gihugu ca mbere giteye imbere cane ku mugabane wa Buraya. Kw’isi kiza ubwa kane mu bihugu bitunze cane inyuma ya Amerika, Ubushinwa n’Ubuyapani].
Yari yiyemeje guteza imbere ubutunzi akagwiza akazi ku banyagihugu, mu gihugu c’ubutunzi kama bwinshi ariko aho abanyagihugu benshi baba mu bukene.
Mu myaka itanu y’ikiringo ca mbere ku butegetsi, ntiyashitse ku ntego yiwe yo guhindura igihugu ciwe kinini cane, ariko ubu aronse amahirwe ya kabiri inyuma yo gutangazwa ko yatahukanye intsinzi mu matora yaranzwe n’akajagari. Bitegekanijwe ko arahirira ikiringo ca kabiri ku wa 20 Nzero(1).
Tshisekedi ubwa mbere yashitse ku butehetsi mu buryo budasanzwe.
Mu buryo butangaje, niwe yatahukanye intsinzi y’amatora y’ihiganwa rikomeye, aho bamwe bamwe, barimwo Ekleziya Katorika y’ijambo rikomeye, itemeranije n’ivyayavuyemwo.
Uwaza imbere mu bo bahiganwa, Martin Fayulu, yavuze ko umukuru w’igihugu yari ahejeje ibiringo, Joseph Kabila, yarementanije umwumvikano na Tshisekedi kugira amasubirire – ivyo izo mpande zahakanye zivuye inyuma.
Fayulu hamwe n’abandi bari bitoje mu kibanza c’umukuru w’igihugu banavuze ko amatora yo mu 2023 yaranzwe n’ubusuma baca basaba ko yosubirwamwo. Umugwi ujejwe amatora wariyamirije ivyo bavuga.
Mu myaka y’imbere y’amatora yo mu 2018, Tshisekedi nta vya vyinshi bari bwahangane muri poritike ya Congo.
Ahubwo yari azwi cane kubera uwo bafitaniye isano – ni umuhungu w’uwabaye umwe mu banyaporitike bakomeye kandi b’igihe kirekire mu kutavuga rumwe n’ubutegetsi Étienne Tshisekedi.
Ariko ntiyagumye agendera kw’izina rya se gusa kuko yagiye muri poritike agifise imyaka mike, araduga mu mugambwe.
Yaragizweko kandi ingaruka n’ibikorwa vya se wiwe muri poritike.
Igihe se yashinga umugambwe ‘Union pour la Démocratie et le Progrès Social’ (UDPS ) mu 1982, umuryango waciye uhungira mu gihugu hagati aho yavuka mu ntara ya Kasai central.
Étienne Tshisekedi yashinze UDPS mu 1982, uca uba umugambwe wa mbere munini mu yitavuga rumwe n’ubutegetsi
Bagumye baba ngaho gushika aho mu 1985, umukeba wa Étienne Tshisekedi, umutegetsi w’igikenye, Mobutu Sese Seko, yemereye abana n’umugore kuhava.
Félix Tshisekedi yaciye aja i Bruxelles mu Bubirigi. Ahejeje amashure aho, yaciye yinjira muri poritike, arakura mu mugambwe wa se gushika aho aba umunyamabanga ku rwego rw’igihugu ajejwe imigenderanire muri UDPS.
Uwari umunyamabanga mwishikira wa se, Albert Moleka, yabwiye BBC mu 2019 ko Tshisekedi yagize abagenzi n’incuti benshi bakomeye mu banye-Congo baba hanze, ariko hari igihe yirengagizwa – rero ntivyamye bimworohera ».
Igihe yashika ku butegetsi mu 2019 vyaratanze umwizero, kuko bwari bwo bwa mbere habaye ukubisikanya ku butegetsi mu mahoro muri ico gihugu kuva cikukiye mu 1960.
Mw’ijambo ahejeje kurahira, yabwiye isinzi ry’abantu ko yashaka »kwubaka Congo ikomeye, yerekeza kw’iterambere mu mahoro n’umutekano – Congo ya bose aho umwe umwe wese afise ikibanza ».
Tshisekedi yavuga ko kurwanya ubukene bizoba »urugamba rukomeye rw’igihugu », agabanye ubushomeri hanyuma agwanye ibiturire.
Mu kiringo ciwe ca mbere, Tshisekedi yashizeho umugambi wo kwiga ku buntu mu mashure y’intango, bituma abanyeshure biyongera gushika ku miriyoni zitanu.
Ariko uwo mugambi waraneguwe ku murengera w’abanyeshure mu masomero mu turere tumwe tumwe, mu gihe abigisha nabo bahembwa nabi.
Uwo mukuru w’igihugu yarashizeho kandi umugambi wo kuvyara ku buntu mu mavuriro n’ibitaro bimwe bimwe vyo ku murwa mukuru Kinshasa, aho yemeye ko azowushikana n’ahandi hose mu gihugu hamwe yosubira gutorwa.
Yaranarondeye ko hasubirwamwo amasezerano bafitaniye n’Ubushinwa mu bijanye no kwimba ubutare kugira igihugu ciwe kihakure akunguko kanini gusumba.
Mw’ijambo yashikirije igihugu mu kwezi guheze, yavuze ko ubutunzi bwateye imbere, aho amafaranga reta ikoresha buri mwaka yiyongeye incuro hafi zitatu kuva kuri miriyaridi 6 z’ama dorari (miriyaridi $6) mu ntango z’ikiringo ciwe, zigashika ku miriyaridi 16 z’ama dorari (miriyaridi $16) mu mwaka uheze.
»Twagize intambwe ndende kuva mu 2020, turahangana n’intambanyi za Covid kugira dushike ku ngero z’iterambere ry’ubutunzi ziduha kwigirira icizere muri kazoza, » nk’uko yavuze.
N’ubwo habaye iryo zamuka, abanye-Congo benshi baridoga ko ifaranga rya Congo riguma rita agaciro, ibiheza bikagira ingaruka zikomeye ku buzima bwabo.
N’aho ico gihugu gifise itunga kama ryinshi cane, ubuzima ntibwateye imbere kuri benshi mu banyagihugu miriyoni 100 baharurwa muri ico gihugu. Intambara, ibiturire n’intwaro mbi biri mu mvo nyamukuru zibandanya kuzingamika igihugu.
Mu gihe co kwiyamamaza, hari ivyo yemeye bisa n’ivyo yari yemeye igihe yiyayamariza ikiringio ca mbere, nko kugwiza akazi, gutuma ubutunzi bwihagararako gusumba hamwe no gutorera inyishu umutekano muke umaze imyaka hafi 30 urangwa mu gihugu, ahamaze gupfa miriyoni z’abantu abandi bagateshwa izabo.
Abashigikiye Tshisekedi bavuga ko yateje imbere amashure no kwitaho amagara
Bwinshi mu butunzi kama buri muri ico gihugu butumbereye mu bice vy’ubuseruko aharangwa uwo mutekano muke n’aho Tshisekedi yagerageje kurondera ingene ugaruka mu gufata ingingo zimeze nk’izo mu ntambara no kwumvikana ku masezerano yo guhagarika intambara no kuzana ingabo zo hanze ziza gucungera amahoro.
Muri izo harimwo izo mu bihugu vyo mw’ishirahamwe ry’ibihugu vyo muri Afrika y’Ubuseruko ico gihugu cinjiyemwo mu 2022 cizeye guteza imbere imigenderanire ya poritike n’ubutunzi n’ibihugu bibanyi vyo mu buseruko.
Ariko ibintu ntivyagenze uko vyari vyitezwe gushika aho Tshisekedi yetegetse ko izo ngabo ziva muri ico gihugu, avuga ko ataco zamaze. Yavuze ko ashaka kuzisubiriza izo mw’ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika yo mu bumamuko, SADC, naryo Congo irimwo.
Tshisekedi yasavye kandi ko harangira ubutumwa bw’ingabo za ONU zo gucungera amahoro. Inyuma y’imyaka irenga 20 ziri muri ico gihugu, bizofata igihe imbere y’uko ivyo bihumbi vy’ingabo bitaha, ariko ukugenda kwazo kwavyuye amakenga ko hazosigara igihengeri c’umutekano mu gihe ingabo z’ico gihugu zidashoboye guhangana zonyene n’ubuhojojo bw’imigwi yitwaje ibigwanisho inyagara mu buseruko bwa Congo.
Kuba muri EAC kwa Congo kugojwe no kuba Tshisekedi, n’abahinga ba ONU, bavuga ko Urwanda, narwo ruri muri iryo shirahamwe, rushigikiye umwe mu migwi ikomeye igwanya reta y’ico gihugu, M23.
Reta y’Urwanda ivyo yagumye ibihakana ariko vyatumye imigenderanire iba mibi cane hagati ya Tshisekedi na mugenziwe w’Urwanda, Paul Kagame, mu gihe co kurangiza ikiringo ciwe ca mbere.
Ariko si uko vyamye. Mu ntango z’ikiringo ciwe, Tshisekedi yatanguye kugerageza kunagura imigenderanire n’ibihugu bibanyi harimwo n’Urwanda.
Mu buryo bwatangaje, yaratumiye perezida Kagame, mu birori vyo gushingura se wiwe mu kwezi kwa gatanu mu 2019.
Ariko mu myaka ya nyuma y’ikiringo ciwe, imigenderanire yabaye mibi gushika aho Tshisekedi ubu vuba yagereranije Kagame na Hitler yatwara Ubudagi mu gihe c’intambara ya kabiri y’isi.
Mu gihe yariko ariyamamariza i Bukavu hafi y’Urwanda, Tshisekedi yavuze ati : » Ndarahiye azorangiza nka Adolf Hitler. »
Hitler, yatumye hicwa ama miriyoni y’abantu, barimwo miriyoni 6 z’Abayahudi muri Holocaust, yapfuye yiyahuye mu kizu ntamenwa ku murwa mukuru w’Ubudagi, Berlin, mu 1945.
Reta y’Urwanda yavuze ko amajambo y’umukuru w’igihugu ca Congo ari »iterabwoba rivugiwe hejuru kandi rigaragara ».
Mw’ikoraniro rya nyuma ryo kwiyamamaza, yarahiye ko azotangaza ko igihugu ciwe gishoye intambara ku Rwanda hamwe yoramuka asubiye gutorwa. Mu gihe yoba yarondera kuvyura agatima ko gushira imbere igihugu, benshi mu banye-Comgo bizeye ko atazoshira mu ngiro ivyo yemeye.
Boshima ko arangura ivyo yemeye ubwa mbere vyo kugwiza akazi no kunagura ubutunzi, n’ubwo guhindura igihugu kikaba »Ubudagi bwa Afrika » bikiri indoto ya kure cane.
Crédit: Lien source


Les commentaires sont fermés.