Ahavuye isanamu, @mulumba_jules
Igisirikare ca Uganda kivuga ko iyi foto yakoreshejwe n’umuvugizi wa Wazalendo yafashwe igihe abasirikare b’iki gihugu bari mu ngabo z’akarere ka EAC bari ahitwa Tsengero mu karere ka Bunagana
Umuvugizi w’igisirikare ca Uganda (UPDF) yamirira kure ivyagirizwa iki gisirikare ko cagiye gufasha umuhari w’inyeshamba za M23 zirwanya reta ya Repubulika ya Demokarasi ya Congo mu buseruko bw’iki gihugu.
Mw’itangazo yasohoye, Général de Brigade Felix Kulayigye, yagiriza Jules Mulumba, umuvugizi w’ihuriro ry’imirwi ifashe mu mugongo reta ya Congo muri iyo ntambara rizwi nka Wazalendo, ko akwiragiza ibinyoma ko “UPDF iri muri Rutshuru”.
Jenerali Kulayigye avuga ko ata mvo n’imwe yotuma ingabo za Uganda zivanga mu ntambara iraba Abanyecongo, “kiretse biciye mu mugambi w’amahoro w’akarere”.
Kuva imyaka itari mike igihugu ca Congo kiri mu ntambara zidahera, uhereye ku ya mbere ya 1996-97 yasenyuye ubutegetsi bwa Mobutu Sese Seko, Uganda yamye yagirizwa kugira uruhara mu gufasha imirwi y’inyeshamba itandukanye, ariko ntikunze kuvugwa cane ko yoba ifasha umuhari M23 nk’uko bimeze ku Rwanda muri kino gihe.
Aciye ku rubuga rwa X rwahoze rwitwa Twitter, umuvugizi wa Wazalendo Jules Mulumba yasohoye itangazo ku wa kabiri yagiriza ingabo z’igisirikare ca Uganda ko zifatanya n’inyeshamba M23 mu ntambara yazo yo kurondera kwigarurira igisagara ca Sake kiri mu ntara ya Kivu ya Ruguru.
Mulumba yerekanye kandi n’amafoto amwe amwe y’ibimodoka vy’intambara vy’igisirikare ca Uganda avuga ko vyari hafi ya Sake.
Yanditse ati: “Igisirikare ca Uganda na vya muzinga vyaco cakobeje mu gufasha ica Kagame ariko tuzobarwanya gushika ku wa nyuma. Hano kw’ibarabara rya Kitchanga-Sake. Tuzokwihora incuro cumi, iyi tariki ntimuyibagire”.
Muri iryo tangazo, Jenerali Kulayigye yagiriza Mulumba ko “agerageza kwemeza ivyo avuga, akoresheje amafoto y’ingabo zacu zari zigize ingabo z’akarere ka Afrika y’Ubuseruko” igihe zari mu karere ka Tsengero kw’ibarabara rya “Bunagana – Rutshuru uja i Goma”, mu kurondera kwemeza ivyo yagiriza igisirikre ca Uganda.
Hamaze igihe hari intambara hagati y’ingabo za Congo n’inyeshamba za M23 mu materitware ya Masisi na Rutshuru y’intara ya Kivu ya Ruguru. Igisagara ca Sake muri Masisi kimaze imisi kiri mu ntambara zikomeye zatumye abanyagihugu batari bake bata izabo, mbere abagiraneza bagabisha ko ibintu bishobora kuba nabi ari nka hamwe hatogira igikozwe vuba.
Ishirahamwe NRC (Norwegian Refugee Council) rifasha impunzi, risaba ko impande zihanganye kwubahiriza amasezerano mpuzamakungu akingira abasivire.
Mw’itangazo, Eric Batonon, arongoye NRC muri Congo, avuga ati: « Turafise impungenge nyinshi ku kungene indyane zigenda ziyongera n’ingaruka mbi zigira ku buzima bw’inzirakarengane. Gutera abasivire, harimwo abagore, abana abatama n’abatamakazi, ni ikintu kidashobra kwihanganirwa kandi gitegerezwa guhagarara”.
Mu gihe amayira yinjira mu gisagara ca Goma yugawe n’inyeshamba za M23, NRC ivuga ko kwugarana kino gisagara, gitunze abanyagihugu barenga imiriyoni zibiri hamwe n’ibihumbi amajana y’abataye izabo kubera intambara, bishobora kugira ingaruka z’agahomerabunwa muri aka karere.
Crédit: Lien source


Les commentaires sont fermés.