RD Congo: Imyiyamamazo iraheze, amatora aregereje…ibi ni bimwe bimwe womenya

Ahavuye isanamu, CENI/RDC

Insiguro y’isanamu,

Patricia Nseya wo mu mugwi ujejwe amatora muri RD Congo

Muri Repuburika ya Demokrasi ya Congo haraye harangiye ikiringo c’ukwezi co kwiyamamariza amatora azoba kuri uyu wa gatatu.

Gushika mu minsi ya nyuma ari mu kuba, hagumye amakenga ko ashobora gusiba kubera umugwi uyatuganya, CENI, wari uhanzwe n’ibibazo vyinshi vy’uburyo na cane cane bw’indege zo gushikana ibikiresho vy’amatora mu ntara zose z’ico gihugu kinini -RD Congo iruta ubunini Tanzania, Kenya, Uganda, Urwanda n’Uburundi vyose ubiteranije.

« Bashingantahe, bapfosoni bamenyeshamakuru, genda mubwire abari bacijijanya imtima ko amatora azoba kuri uyu wa gatatu itariki 20 za Kigarama (12) 2023, » niko umuvugizi wa CENI, Patricia Nseya yavuze mu kiganiro n’abamenyeshamakuru ku wa mbere.

Yongera ati: « Ndabisubiyemwo ngaha kandi ubu nyene. Kuri uyu wa gatatu tuzogira amatora ane mu ntara 26: amatora y’umukuru w’igihugu, ay’abashingamateka ku rwego rw’igihugu n’urw’intara hamwe n’amatora y’abajenama b’ama komine. »

Crédit: Lien source

Les commentaires sont fermés.