Umwe mu bahiganiwe ikibanza c’umukuru w’igihugu muri Repuburika ya Demokarasi ya Congo yarungitse ikirego muri sentare co kwanka ivyavuye mu matora yatsinzwe n’umukuru w’igihugu ahasanzwe Felix Tshisekedi.
Ku bw’umugwi ujejwe amatora, CENI, Tshisekedi yaronse amajwi arenga 73 kw’ijana, uwumukurikira, Moise Katumbi nawe aronka 18%.
Théodore Ngoy, yabaye uwa nyuma ku majwi 0.02% niwe yajanye ikirego co gusaba ko ivyavuye muri ayo matora bifutwa.
Yajanye ico kirego ku wa gatatu ku munota wa nyuma w’ikiringo c’iminsi ibiri abari bitoje bari bafise kugira bashikirize ibirego ku vyo batemera mu vyavuye muri ayo matora.
Babiri baza inyuma ya Felix Tshisekedi mu majwi, Moise Katumbi na Martin Fayulu bo bavuze ko batazokwitura sentate kugira banke ivyavuye muri ayo matora ariko basavye ko haba imyiyerekano yo kuvyiyamiriza.
Ngoy, umunyamategeko akaba n’umupasitori, yari yaritoje kandi mu 2018 hanyuma aratsindwa.
Yabwiye urubuga rwa radio y’Abaransa RFI ko ashaka ko ivyavuye muri ako ‘’kamaramaza k’amatora’’ bifutwa.
Sentare ifise iminsi indwi kugira igire ico ishikirije kuri co kirego. Iyo sentare vyitezwe ko itangaza icese ivyavuye mu matora ku wa 12 Nzero (1) ku kirangamisi gishasha casubiwemwo na CENI. Ubwa mbere hari kuba itariki 10.
Sentare yitezwe gushikiriza ingingo yayo ku wa 12 ukwezi kwa mbere.
Amatora rusangi muri Congo yabaye ku wa 20 Kigarama (12) arangwa no guceregwa henshi mu biro vy’amatora n’utundi tunenge twinshi tw’ubuhinga.
Vyatumye ahatari hake mu gihugu gutora bibandanya mu minsi ibiri canke itatu yakurikiye.
Benshi mu batavuga rumwe n’ubutegetsi basavye ko kubera izo mpamvu yofutwa hagashingwa uwundi mugwi ujejwe kuyategura bushasha.
Ariko umukuru w’umugwi CENI, Denis Kadima, yavuze ko naho habaye utugorane muri rusangi amatora yagenze neza.
Abanye-Congo hafi miriyoni 44 kuri miriyoni 100 ziharurwa muri ico gihugu bari biyandikishije gutora, ariko abagiye gutora ntibanashitse na 44 kw’ijana.
Bari bahamagariwe gutora umukuru w’igihugu, abashingamateka n’abakenguzamateka ku rwego rw’igihugu, n’urwo intara hamwe n’abajenama b’amakomine.
Crédit: Lien source


Les commentaires sont fermés.