‘Umusirikare umwe wa Congo yishwe babiri barafatwa’ – Rwanda

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y’isanamu,

Imigenderanire hagati ya Congo n’Urwanda imaze igihe kitari gito yifashe nabi

Igisirikare c’Urwanda kiuvuga ko abasirikare batatu bo mu gihugu kibanyi ca Republika ya Demokrasi ya Congo bajabutse umupaka mw’ijoro.

Buvuga ko umwe muri bo yarashwe agapfa inyuma yo kurasa ku basirikare bariko barakizura.

Mw’iitangazo kigira kiti: « Babiri muri abo basirikare, Sgt Asman Mupenda Termite w’imyaka 30 na Cpl. Anyasaka Nkoi Lucien w’imyaka 28 bafashwe n’abasirikare ba RDF bafashijwe n’abanyagihugu bari mw’irondo.

« Abo basirikare ba FARDC bari bafise inkoho zo mu bwoko bwa AK-47, ‘ibikono bine birimwo amasase 105, ikoti ikinga amasase n’udusashe (sachet) tw’urumogi. »

Crédit: Lien source

Les commentaires sont fermés.