‘Urwanda rufise uburenganzira bwose bwo gufata ingingo zo kwirindira umutekano’ – Rwanda MFA

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y’isanamu,

« Ntabwo Urwanda ruzongera kwemera ko ikibazo ca DRC kijabuka imbibe kikaza ku butaka bw’u Rwanda » – Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw’Urwanda

Reta y’Urwanda yagiriza Reta zunze Ubumwe za Amerika kwirengagiza ukuri ku biriko bibera muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo, ni inyuma y’aho umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire wa Amerika asabiye iki gihugu guhagarika ubufasha giha inyeshamba za M23.

Ku wa gatandatu uheze kw’igenekerezo rya 17 Ruhuhuma (2), Matthew Miller yasohoye itangazo, aho yavuze ko Reta zunze Ubumwe za Amerika ziyamiriza bikomeye “indyane zabaye ndanse mu buseruko bwa Congo bitewe n’umuhari M23 ufashwe mu mugongo n’Urwanda, kandi wafatiwe ibihano na ONU”.

Mw’itangazo ryaraye risohowe n’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw’Urwanda, iki gihugu cagiriza reta ya Congo ko ari yo ntandaro y’intambara zasubiye gusutama mu buseruko bwa Congo, inyuma y’aho reta yayo “yongerereje ku buryo bugaragara ibikorwa vya gisirikare mu ntara ya Kivu ya Ruguru… kandi bigaragara ko intego y’ivyo bikorwa ari ukwirukana ku butaka bwa RDC umuhari M23 n’abasivire b’Abatutsi b’Abanyekongo, bakomokera mu bihugu bibanyi”.

Ubu bushikiranganji bumenyesha ko reta y’Urwanda itigeze ihengeshanya kwerekana ko ikibazo ca M23 ari ngombwa ko gitorerwa umuti biciye mu nzira za poritike, “bigakorwa n’Abanyekongo ubwabo”.

Crédit: Lien source

Les commentaires sont fermés.